Ivyaranze Indwi ya 24 ya Primus Ligue

Indwi ya 24 ya Primus Ligue iragiye hatsinzwe ibitsindo 25 bingana n'ivyinjiye, murivyo bitso mirongo ibiri na bitanu vyinjiye Les Jeunes Athletics yatsinzwemwo ibitsindo icumi (10), ukaba ariwo mugwi ukomerekejwe cane niyindwi ya 24 ya Primus Ligue.

Ihiganwa rikuru ryo mu cicaro ca mbere mu Burundi hagati mundwi ryari ryinjiye mu ndwi yaryo igira 24 ku bibuga bitandukanye, ibi navyo ni bimwe mu vyaranze iyo ndwi ya 24 iryo higarwa ryari ri gezeko navyo nibi bikurikira.

Ikibuga ca Don Bosco de Buterere kigiye mu mateka y’ibibuga bimaze kwakira ihiganwa rya Primus Ligue ico kibuga cakiriye inkino 4 urwa Delta star na Messager Ngozi rwarangiye kunsinzi ya Messager Ngozi (1-0). Athletico Olympic na Lydia Ludic sport 4Africa urukino rwarangiye kunsinzi ya Lydia Ludic (2-0). Les Lierres na Olympic Star,urukino rwarangiye kunsinzi ya Olympic star ya (4-1). Inter Stars na Flambeau de l’Est, urukino rwarangiye kunsinzi ya Flambeau de l’est ya (2-1).

Aigle Noir inyagira imvura y’ibitsindo 10 kuri 1 umugwi wa Les jeunes Atheletics bitari bwaboneke muri uno mwaka w’inkino muri Primus Ligue.

SHAKA Bienvenue na AkANAKIMANA Bienvenue abakinyi bose bâ Aigle Noir nibo bonyenye bashoboye kuronka ibitsindo bitatu (3) canke birenga Hat-trick mu rukino rumwe gusa rwahujije Aigle noir na Les jeunes Athetics.

Murukino rumwe rwonye nirwo ruta bonetsemwo igitsindo muriyi ndwi ya 24 ya Primus Ligue rwa Musongati na Ngozi city urukino rwabereye i Gitega.

Urukino rwahujije Delta Star na Messager Ngozi rwabonetsemwo ikarata itukura yahawe umukinyi wa Delta star cokimwe n’urwa Athletico Olympic na Lydia Ludic ikarata yeretswe Issa Dieudonné wa Athletico Olympic.

Indwi ya 24 ya Primus Ligue iragiye hatsinzwe ibitsindo 25 bingana n’ivyinjiye, murivyo bitso mirongo ibiri na bitanu vyinjiye Les Jeunes Athletics yatsinzwemwo ibitsindo icumi (10), ukaba ariwo mugwi ukomerekejwe cane niyindwi ya 24 ya Primus Ligue.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: