Abana Babiri baraye Bapfuye Biturutse ku Mvura Nyinshi Yaguye i Mwaro.

Abana babiri b’uwitwa Gervais BAKEVYA  baraye bitavye Imana biturutse ku mvura nyinshi yaguye mw’ijoro ryo kuruyu wa gatanu  k’umutumba wa Bisoro komine Kayokwe y’intara ya Mwaro. Ivyo bishikirizwa na Francois Nkundwa Musitanteri wa komine Kayokwe.

Abo bana rero baguweko n’inzu bari baryamyemwo biturutse kuriyo mvura yaguye. Umwe muri abo bana  yarafise imyaka indwi  uwundi nawe yari afise imyaka ibiri.

Francois NKUNDWA akavuga yuko iyo mvura ata bindi yononye agasaba ababanyi b’uwo muryango kubafasha  mu kubaremesha na cane cane mu kubagarukirako hageze mu gihe co kubashingura .

Mukamenya yuko iyo mvura ata bindi bintu yononye kandi ko iyo nzu yabomotse kubera yari iremerewe n’amazi y’invura.

Abandi bantu babiri barapfuye ku mugoroba wo kuri uyu wa gatanu bahitanywe n’uruzi Mpanda. Umupfasoni yitwa NDAYISENGA Isodonie hamwe n’umwana wiwe  yitwa ITERITEKA Diela batowe bapfuye batwawe n’rwo ruzi rwa Mpanda.Abo rero batwawe bariko barajabuka uruzi Mpanda rwari rwuzuye cane kuri uyu wa gatanu ku mugoroba. Ibiziga vyabo vyaciye bijanwa mu buruhukira bw’ibitaro bikuru vyo ku mpanda.

Tubamenyeshe yuko iyo mvura nyisnhi  imaze imisi igwa  muri iyo ntara ya Bubanza yononye ibitari bike nk’ikiraro ca Nyabitaka cahuza imitumba ya Nyabitaka na Rurabo caracitse kuri uyu wa gatanu inyuma yico mu Nyakabingo kimaze hafi ukwezi kwose caracitse.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.