Abantu Batatu nibo baraye bahitanywe mu Carama n’imvura y’umwuzurira yaraye iragwa mu gisagara ca Bujumbura mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatanu.

imvura

Abantu batatu harimwo abana babiri batobato nibo baraye bahitanywe mu carama n’imvura y’umwuzurira yaraye iragwa mu gisagara ca Bujumbura mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatanu.

Icegera c’umukuru w’igipolisi kijejwe gukinga impanuka, OPC 1 Anicet NIBARUTA avuga ko igiteye ingorane ari uko ibibanza ayo mazi yoshikiyemwo mu buterere bibandanya kwubakwamwo amazu.

OPC 1 Anicet NIBARUTA avuga kandi yuko abo bana babiri bahitanywe n’amazi  bavuye kw’ishure. Aho hantu ni mu ruzi Gasenyi bariko barubaka kugira baruhe inzira, hanyuma rwageze mu carama ya kabiri aho baribagejeje ibikorwa vyo kuruha inzira, ruca rurashwara rurata inzira. Niko rero kwonona ibitari bike.

Anicet NIBARUTA abandanya avuga yuko iyi mvura imaze imisi igwa imaze kwonona ibintu bitari bike. Nko mu Buterere ya 1 amazu 4 niyo amaze  kubomoka, mu Buyenzi amazu 6, mu Kinama  naho amazu 13. Ngo n’ikiraro co ku Ruzi Muha kw’ibarara bita Avenue du large naco nyene igice carononekaye kigatuma uruja n’uruza kuri iryo barabara rutoroha.

Kubwa Anicet NIBARUTA ngo ingorane zituma inzuzi zuzura ni nyinshi. Ikibazo ca mbere gikomeye nuko ku Buterere hafi ya hahurira amazi mabi avuye mu gisagara ca Bujumbura akagenda bukebuke gushika mu kiyaga Tanganyika, hariko hubakwa amazu muri ico kibanza ayo mazi ategerezwa gucamwo.

Ngo ikindi kibazo gikomeye ni uko ayo mazi ava mu mitumba azanana ibishanga  ni’misenyi  bigaca vyuzura hasi bigaca bituma rero uruzi rwuzura ningoga rugaca rwonona ibintu

Ngo hariho ibikorwa biriko birakorwa kugira ibintu bije mu buryo. Igipolisi kijejwe impanuka kiriko gikorana na Croix Rouge y’u Burundi, na CICR hamwe na  Protection Civile,  kugira ngo bakuremwo ibishanga  mu nzuzi

Anicet NIBARUTA agasaba ishirahamwe ABUTIP kwihutira guheza ibikorwa vyo guha inzira ayo mazi.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: