#EUROPE: Amakuru avurwa n’ibinyamakuru vyo ku mugabane wa buraya, Wenger arashobora kw’irukanwa, Rakitic muri Man utd.

#EUROPE: Amakuru avurwa n’ibinyamakuru vyo ku mugabane wa buraya, Wenger arashobora kw’irukana, Rakitic muri Man utd.

I Foto/Footmercato.

Manchester city igiye gutanguza ibiganiro na Pep Guardiola vyo kumwogereza amasezerano  azo mushikana muri 2020 akiri muruyo mugwi.

(The Times).

Manchester united irashobora kubura Alex Sanchez na Paul Pogba mu gice ca kabiri gishira icanyuma mu nkino zi gikombe ca FA cup.

(The daily Telegraph).

Trent Alexander-Arnold myugariro w’umugwi wa Liverpool, ari hafi yo gusinya amasezerano mashasha n’uwo mugwi.

 (The daily Telegraph).

Mauricio Pochettino umumenyereza wa Tottenham yipfuza kurangiza ivyigura n’igurishwa rya bakinyi bashasha azo zana muruyo mugwi imbere y’igikombe c’isi yose.

(The Times).

Arsène Wenger arashobora gutakaza akazi kiwe muri Arsenal mu mpera zuyu mwaka bivanye nuko abafana buyo mugwi batakiza kuwushigigira kuri Emirates Stadium.

(Dail Mail).

Ivan Raketic amaze kwugururira imiryango umugwi wa Man utd kuwuzamwo ivyo bitunyu Fc Barcelona igira ubwo ko ishobora ku mutakaza mbere imaze kwiyumvira umusubirizi wiwe.

(Daily Mirror).

Abakinyi ba Manchester city bari hafi yo kuronka imiriyoni cumi za pawundi nka bonus mu mpera zuno mwaka w’inkino.

 (Dail Mail).

Arsenal iriko iripfuza umukinyi akiri muto wa Fc Barcelona Robert Navarro.

(Daily Mirror).

Liverpool iri mu rugamba rukomeye cane na Fc Barcelona rwo kurwanira umukinyi w’umufaransa akina muri Fc Seville, Clement Lenglet agaciro kiwe bivurwa ko ari imiriyoni 39£.

(Daily Mirror).

Inyuma yo gutwara igikombe co mu bwongereza, umugwi wa Man city witeguriye guha imiriyo amajana biri za ma paundi umumenyereza wabo Pep Guardiola kugira ngo ayakoreshe mu kugura abakinyi bashasha muci riza.

(Daily Mirror).

Phillipe Coutinho vyitezwe ko agaruka I Anfield muri rino ci riza, igihe Brezil izotana mu mitwe na Croatia mu rukino rwa kivandimwe imbere yo kuja mu gikombe c’isi yose.

(The sun).

Icemezo co kwongereza amasezerana muri Man utd ku mukinyi Marcus Rashford kizoteba, imvo nuko hariho ibintu batariko barumvikanako nuwo mugwi wiwe.

(The sun).

Real Madrid yahawe amahirwe yo kuronka umukinyi wo hagati wa Liverpool Emre Can, amasezerano na Liverpool agiye kurangira muri mu kwezi kwa Ruheshi.

(Dail Express).

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: