#CECAFA U-17: Intamba mu Rugamba zabuze iki ngo zitsinde Somalie?

#CECAFA U-17: Intamba mu Rugamba zabuze iki ngo zitsinde Somalie?

Vivier BAHATI hagati iburyo bwiwe Team Manager wa Somalia ibubamfu Ally Ndikumana

Ico n’ikibazo cishuwe n’umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba ya bari musi y’imyaka cumi n’indwi, Vivier BAHATI mu kiganiro yahaye kuru wa kabiri abanditsi n’abamenyesha makuru, inyuma yo kunganya ubusa ku bundi n’igihugu ca Somalia mu rukino rw’indwi ya kabiri y’inkino za CECAFA U-17.

Inyuma y’urukino rwabereye i Ngozi kuri Stade Urukundo, nkuko bisanzwe abanditsi n’abamenyeshamakuru bama babaza ibibazo bitandukanye umumenyereza bivanye n’urukino bahejeje gukina, natwe twaregere umumenyereza w’intamba mu Rugamba zabo bakiri bato, Vivier BAHATI tura mubaza bitandukanye, mbe intamba mu rugamba zabuze iki kugira zitsinde Somalie? atwishura ati:

« Ndavye urukino uko rwagenze, twashitse imbere y’igori kenshi turasatira bikomeye cane, mugabo dushitse imbere y’igori twabuze ugutekana, tunanirwa gukoresha neza uburyo bwo kwinjiza twaronse »

Ikibazo c’uko ubusatirizi bwiwe, budatsinda, Vivier BAHATI, aravyemera ko ibiharuro atari vyiza k’ubusatirizi bwiwe, Vivier BAHATI agira ati: « Nivyo  ibiharuro biravyerekana neza ko mu nkino zi biri nta gitsindo turatsinda ariko abakinyi  bacu baratsinda, gusa mu rukino birabagora ariko tukagira icizere ko mu rukino rukurikira tuzotsinda.»

Amahirwe y’intamba mu rugamba ntabwo ari kirenga cane ndetse ivyo bishingirwa intahe n’umumenyereza w’intamba mu rugamba

« Uravye aho tugeze uno musi nitwe turabanyuma, dufise inota rimwe, ndavye uko biriko biragenda amahirwe ni make cane  yo kubandanya, ariko dusigaje urukino rumwe mugabo ntituzi uko bizogenda, bidusaba ko dukina urukino hama turabe ahandi uko bizogenda.»

Igihe Intamba isigaje urukino rumwe gusa rwa Ethiopia  mbega icizere co kirahari co gutsinda urwo rukino rwa nyuma? Nubu kandi Vivier BAHATI, « kuri jewe icizere kirahari kubera ko inkino zidasa, uno musi vya genze nabi, twabuze amahirwe yo kuronka amanota atatu ariko ndavye urukino rukurikira tuzorutegura imisi ibiri yose ndafise icizere ko bizogenda neza »

Mwomenyako Intamba mu rugamba izokina urukino rwabo rwa nyuma na Ethiopia i gitega ku kibuga Ingoma, Intamba mu rugamba igasabwa gutsinda urwo rukino ibitsindo birenga 4 mu kurindira ibizova mu rukino rwa Kenya na Somalie.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: