#CECAFA U-17: Sudan ishavu rya Uganda riyi hereyeko.

#CECAFA U-17: Sudan ishavu rya Uganda riyi hereyeko.

 

Www.magaratimes.com

Inyuma yo kunganya na Tanzaniya kimwe ku kindi mu rukino rwa mbere, Uganda yihaniye bimwe bikomeye cane umugwi nserukira gihugu wa Sudan, ibitsindo bi tatu ku busa (3-0) ,mu urukino rwabereye mu ntara ya Gitega kuri Ingoma stadium mundwi ya kabiri  y’inkino za Cecafa u-17.

Mu rurwo rukino rwa sifuwe n’umurundi, Eric MANIRAKIZA afashijwe n’umunya Ethiopia, Belachew YETAYEW hamwe na Willy HABIMANA  umurundi rwarangiye igice ca mbere Uganda imaze gutsinda Sudan ibitsindo bi biri ku busa, ibitsindo vyinjijwe na KAWOOYA Joseph hamwe na KIRYA Gerald, igice ca mbere kirangira uno mungwi umenyerezwa na ONEN Peter utahukana itsinzi.

Igice ca kabiri Uganda iza kumarira akazi yari yakoze mu gice ca mbere icumitamwo igitsindo ca gatatu n’icanyuma uno mungwi nserukira gihugu wa Sudan, igitsindo cinjijwe n’umusatirizi wabo Iddy Abdelwalidi. Nubwo Uganda yaronse ico gitsindo ca ga tatu ntivya yibujije gusatira izamu rya Sudan aho bashoboye gutera imipira itari mike mw’igori rya Sudan nubwo ikindi gitsindo kitijiye.

Kuronka itsinzi ku mugwi wa Uganda, bitumye ica ironka uburengazira bwo kuja mu gice ca kabiri gishira ica nyuma muri Cecafa u-17, mwitsinda ryabo kuko ariwo ufise ikibanza ca mbere mw’itsinda ryabo n’amanota 4 n’ibitsindo bi 3 igakurikirwa na Tanzania ifise inota rimwe nubwo itarakina urukino rwabo rwanyuma ruzo ihuza na Sudan itariki 22 ndamukiza mu ntara ya Muyinga, mu gihe muriryo tsinda nyene Sudan ifise ikibanza ca nyuma n’amanota ubusa, Uganda rero irindiriye umugwi izo uherekeza mu gice ca kabiri gishira icanyuma.

Ku mukenyuro wa 4-3-3 batangujwe n’umumenyereza wa Uganda ONEN Peter,  yatanguje aba bakurikira: OLUKA William, KAFUMBE Joseph, JAGGWE Mussa, KIZITO Gavin (C), KIRYA Gerald, BAKABULINDI Joseph, KAWOOYA Andrew, Iddy Abdelwalidi, KAKAIRE Thomas, EKELLOT Ibrahim.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: