#FRANCE: Benzema yisiguye impamvu ataririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu c’Ubufaransa.

#FRANCE: Benzema yisiguye impamvu ataririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu c’Ubufaransa.

Karim Benzema. Photo © Manrique/DYDPPA/Shutter/SIPA

Karim Benzema yashizwe mu bihano vyo kudatumwako mu mugwi nserukira gihugu w’Ubufaransa kuva muri Gitugutu 2015, impamvu aka video k’ubusambanyi, kerekeye umukinyi mugenziwe Mathieu Valbuena, ico bo bise mu gifaransa affaire de la sextape, umusatirizi Karim Benzema imyaka 30 ya mavuko, inkino 81 amaze gukinira igihugu c’ubufaransa, hamwe n’ibitsindo 27 amaze kuwutsindira, yagirizwa akatari gake ko ata ruririmbo ruhayagiza igihugu c’Ubusaransa, La Marseillaise aririmba.

Uyu musatirizi wa Real Madrid yahavuye ava mu gacerere kurivyo yagirizwa araheza arisigura impamvu ataririmba la Marseillaise, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru ca banya Espagne citwa Vanity Fair.

Kuri micro zico kinyamakuru Karim Benzema yagize ati « Tugerageje kumviriza neza, urwo ruririmbo, La Marseillaise ruduhamagarira kugira intambara, nanje ntavyo nkunda » uko niko uwo mukinyi wa kera wa Olympique de Lyon yisiguye kuri micro za Vanity Fair.

Si Karim Benzema wenye yanka kuririmba urwo ruririmbo kuva nakera hose abakinyi benshi bibihangange baciye muruyo mugwi nserukira gihugu w’ubufaransa baranka kururirimba, aha two vuga nka Michel Platin ya mamaye cane muri Les blues.

Tugerageje kuraba amwe mu majambo ari murwo ruririmbo dusangamwo nka, gufata ibigwanisho abanyagihugu muheze mugire ama batayo yanyu.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.