Ivyuma vyo Kuyungurura Amafyigo Bine ivyo bita Hémodialyse Nivyo Vyashikirijwe Ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge Kuri Uyu wa Gatatu

ibitaro vy'abasirikare vyo mu Kamenge

copyright@PPB

Ivyuma vyo kuyungurura amafyigo bine ivyo bita Hémodialyse nivyo vyashikirijwe ibitaro vy’abasirikare  vyo mu Kamenge kuri uyu wa gatatu. Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’igihugu ca Misiri Sameh CHOUKRI akaba ariwe yabishikirije icese ari kumwe na mugenzi we wu mu Burundi Alain Aimé NYAMITWE.

Rémy NDIKUMANA, umuganga ajejwe  ivy’ubuvuzi kuri ivyo bitaro vyo mu Kamenge akaba ashima iyo  mfashanyo. Ngo ngaha mu Burundi nta bibanza vyinshi bavuriramwo barya barwaye indwara z’ amafyigo bihari. Ngo hari ahantu habiri gusa, hamwe ni mu bitaro vyigenga kandi amafaranga yo kuriha ni mesnhi. Ubu rero abarwayi hafi bose bafise izo ngorane bagiye kuronka henshi bashobora kwitura kandi ku mafranga abayabaye.

Rémy NDIKUMANA amenyesha yuko ivyo vyuma ari bine kandi ngo icuma kimwe kirashobora kuvura abashika  bane ku musi.

Rémy NDIKUMANA amenyesha kandi yuko basavye  abaganga basanzwe bari kuri ivyo bitaro  ko boronswa ubwo bumenyi bwogushobora gukoresha ivyo vyuma ubu rero bamwe bamwe baratanguye kwimenyereza ubu bariko barabimenya.

Ngo harategekanijwe kandi yuko  hazoza abahinga bavuye mu Misiri baza gufasha kubandanya bigisha  abo baganga kugira ngo bashobore gukoresha ivyo vyuma. Ngo hano mu Burundi hari umuhinga yanonosoye cane ibintu vyerekeye indwara mwenizo azi gukoresha ivyo vyuma asanzwe abikoresha ku bitaro prince Regent no kuri roi khaled.

Iyo mfashanyo nkiyo yatanzwe no mu bitaro bikuru vyi gipolisi  vyo ngaha i bujumbura

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: