#CHELSEA: Antonio Conte yahagaritse ikiganiro n’abamenyesha makuru kubera umugore wiwe.

#CHELSEA: Antonio Conte yahagaritse ikiganiro n’abamenyesha makuru kubera umugore wiwe.

Talksport

Mukiganiro yariko araha abanditsi n’abamenysha makuru ku bijanye nu rukino umugwi wiwe wa Chelsea utana mu mitwe na Burnley ku ruyu wa gatatu, Antonio Conte yahagaritse gutanga ikiganiro kigeze hagati bivanye nuko umugore wiwe yamuhamagaye kuri terefone biba ngombwa ko uyo mutariyano ahagarika gutanga ikiganiro yariko araha abanditsi n’abamenyesha makuru.

 Mugihe yariko aratanga ikiganiro, avuga ku bijanye  n’urukino rw’uno munsi hagati y’umugwi wiwe wa Chelsea wa kirwa na Burnley, Antonio Conte  ageze hagati y’ikiganiro yumva terefone irahamagaye agiye kuraba asanga n’umufasha wiwe amuhamagaye, niyihanganiye kuda twenga mu gihe ya menye ko ari umugore wiwe mbere arabiba bwira ko ari umugore wiwe ariko aramurondera kuri terefone, aca arafyina n’abamenyesha makuru gato, abwira abamenyesha makuru ati “Murashobora kunca ihadabu, ndasavye imbabazi kuko nanje nari gushavura iyo vyashikira umwe muri mwebwe” vyavuzwe n’uwo mumenyereza wa kera wa Juventus akaba avuze ivyo mugihe tuzi ko abamenyereza bavyanka igihe boba bariko baratanga ikiganiro n’abamenyesha makuru ko ata terefone ihamagaye.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: