#AIGLENOIR: Joslin BIPFUBUSA yafashe ingingo yo guhagarika abakinyi indwi buyo mugwi.

#AIGLENOIR: Joslin BIPFUBUSA yafashe ingingo yo guhagarika abakinyi indwi buyo mugwi.

Abo bakinyi indwi bahejeje guhagarikwa n’umumenyereza Joslin BIPFUBUSA wa Aigle noir yi Makamba  ni:

1.NDAYISHIMIYE Youssuf Nyange.

2.NAHIMANA Moise.

3.NAHIMANA Eloi Fils.

4.NDIKUMANA Jean Etando.

5.RUKUNDO Therence.

6.IRAKOZE Yves.

7.NDAYISHIMIYE Eric.

Imvo ziryo hagarikwa mu mugwi kurabo bakinyi nuko batashitshitse mu mwiherero wuyo mugwi umwanya basabwe gushikirako nukuvuga itariki 17 Ndamukiza 2018 gishika n’ubu batarashika mu mwiherero wuyo umugwi nkuko vya menyeshejwe na Joslin BIPFUBUSA.

Magaratimes imuhamagaye kuri terefone yiwe ngendanwa imubaza ko iyo nkuru yoba ariyo BIPFUBUSA yatwishuye ati “ Nivyo uburongozi bw’umugwi bafashe ingingo yo gubahagarika abo bakinyi bivanye nuko ikiringo twabahaye co kwinjira mu mwiherero kimaze kurangira nukuvuga ko twababwiye ko bategerezwa kuba bashitse mw’ikambi ry’umugwi itariki 17 ndamukiza ariko gushika nubu ntabo turakubita ijisho” uko niko yishuye uyo mu menyereza wa kera wa Messager Ngozi, Joslin BIPFUBUSA.

Magaratimes imubajije ikiringo bazomara bari mu bihano Joslin BIPFUBUSA yagize ati “ Nta kiringo nakimwe gitegekanijwe kandi ivyo bihano bizokurwaho mpaka uburongozi bw’umugwi busubiriye gukorana”

Mwomenyako mu rabo bakinyi bose indwi Aigle noir ihagaritse bane muribo bama batangura mu kibuga akatari gake, nka NDAYISHIMIYE Youssuf Nyange, Jean Etando NDIKUMANA, RUKUNDO Therence, IRAKOZE Yves.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.