#CECAFA U-17: Intamba mu rugamba zisezereye ihiganwa rya cecafa rugabo.

#CECAFA U-17: Intamba mu rugamba zisezereye ihiganwa rya cecafa rugabo.

Magaratimes

Mu rukino rw’indwi ya gatatu yi higanwa rya Cecafa U-17, Intamba mu rugamba ya tsinze umugwi nserukira gihugu wa Ethiopia igitsindo kimwe ku busa (1-0) igitsindo cinjijwe na NDIKUMANA Ally mu rukino rwabere ku kubuga Ingoma mu ntara ya gitega kuruyu wa gatanu.

Inyuma yo kungana na Somalie no gutsindwa na Kenya mu rukino rwa mbere, Intamba mu rugamba uno munsi yihagazeko imbere ya Ethiopie iratsinda kimwe ku busa ica irakwiza amanota ane n’umwenda w’ibitsindo bi tatu, ivyo rero ntibihagije ko intamba mu rugamba ironka uburengazira bwo kubandanya.

Igice ca mbere ca rangiye ata gitsindo na kimwe intamba mu Rugamba ironse nubwo yakinye neza basatira berekana ko bafise ishaka n’inyota yo gutsinda ariko bibata ku wa mazi kubera ko Ethiopie bari bugaye inyuma.

Abasore ba Vivier BAHATI mugice ca kabiri baza atanguvu bafise , iminota nka 15 Ethiopie yabagoye ariko ntivyatevye ko intamba zirahindura ziragaruka kuvyitwaramwo gushika aho ku munota wa mirongo indwi n’umunani (78′) umusore Ally NDIKUMANA ahagurutsa abari ku kibuga Ingoma stadium y’igitega barongereza gusatira ariko iminota mirongo icenda irangira ari kimwe ku busa nyene, mu rukino rwa sifuwe na Sabri Mohamed FADUL umunya Sudan afashijwe na Olivier Omondi ODHIAMBO umunya Kenya hamwe na Omer Hamid Ahmed umunya Sudan

 

Itsinda ry’intamba mu rugamba ntaho rihitwaye kuko mu rukino  mu rundi rukino rwabereye mu ntara ya muyinga kuri Umuco stadium, Somalie yatsinze Kenya bi biri ku busa (1-0) bica bituma Somalie ifata ikibaza ca mbere n’amanota 7 n’ibitsindo 4, Kenya ikaza mu kibanza ca kabiri n’amanota 4 n’ibitsindo bi 2 ni mugihe Intamba mu rugamba nayonyene ifise amanota 4 n’umwenda w’ibitsindo bi 3 menya neza naho intamba mu rugamba zari kuba zifise ibitsindo vyinshi  kurusha Kenya ntizari ku rengana imbere ya Kenya kubera ko, Kenya yarayitsinze mu rukino rwa mbere baca baraba  rero uko bahuye ntavyari kworohereza intamba mu rugamba.

Ku mukenyuro wa 4-3-3 Intamba mu rugamba yakoreshejwe yifashisha aba bakinyi bakurikira: HABUKA Papy, Djuma Mosi, IRUTINGABO Faustin, Jules MASUMBUKO, Japhet NIYERA, NIYONDIKO Chastel, Pacifique HABONIMANA, Ally NDIKUMANA, Chris NIKUZE, Flavier IRATANGA, NIBIKORA Arthur (C).

Mugihe Ethiopie nayo yatanguje:

 

: Ginbo DAEMO, Worku WONDIMU, Dikaso ABEL, Kussa Yohanes, Abreha Hayle, Jarsa Jagiso, Molla Deriba, Gondere Demesen, Lucha Mudin, Ahmed Abas (C) Alemu Fereja.

Mwomenyako muri rino tsinda rya mbere A harenganye imigwi ibiri Somalie na Kenya mu gihe uburundi na Ethiopie vyasezereye

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: