#CAN U-20: Intamba mu rugamba U-20 zaronse uburengazira bwo guhura na Sudan mugice gikurikira.

#CAN U-20: Intamba mu rugamba U-20 zaronse uburengazira bwo guhura na Sudan mugice gikurikira.

Intamba mu rugamba zabari musi y’imyaka 20 zaronse uburenganzira bwo gukina igice gikurikira, aho izohura n’igihugu ca Sudan inyuma yo gusezerera igihugu ca Ethiopie igitsindo kimwe ku busa (1-0) ku rukino rwa bereye mu ntara ya Ngozi ku kibuga urukundo ku ruyu wa gatandatu mu rukino rwo gusubiriza, ni mu ntumbero yo kurondera itike zigikombe ca Afrika ca batarenza imyaka 20.

Inyuma yo kubatsindira iwabo i Addis-Abeba, ibitsindo bi biri ku busa (2-0) mu rukino rwa mbere, nubu Intamba mu rugamba zasubiriye ku bikora zitsinda igitsindo kimwe ku busa (1-0), Igitsindo kimwe rukumbi c’intamba mu rugamba cinjijwe na SHAKA Bienvenue ku munota wa 38 kikaba gihaye uburengazira bwo kubandanya izo nkino zo gukura kuranwa mu kurondera itike y’igikombe ca afrika ca batarenza iyo myaka aho Uburundi buzoca buhura n’igihugu ca Sudan.

 SHAKA Bienvenue niwe mukinyi twovuga ko yabere igisiga c’irabura igihugu ca Ethiopie kuko no murukino rwa mbere yarinjije igitsindo, vyumvikana ko mu bitsindo bi tatu ku busa (3-0) mu rukino rwa mbere n’urwo gusubiriza Uburundi butsinze Ethiopie, SHAKA Bienvenue wenyene yarinjije ibitsindo bibiri (2).

Ku mukenyuro wa 4-3-3 wa koreshejwe na Joslin BIPFUBUSA umumenyereza wizo ntamba mu rugamba yatanguje mw’igori RUKUNDO Onesime, abakinyi binyuma

Souleiman Moustapha (c), NDORIYOBIJA Eric, BIGIRIMANA Ramadhan, NDAYE Chancel, abakinyi bo hagati MBIRIZI Eric, Mabano Shaban MURYANGO, KWIZERA Eric, abasatirizi, Djuma Mohamed, Pascal Ramadhan na SHAKA Bienvenue.

Mu gihe ku ruhande rw’umugwi nserukira gihugu wa Ethiopie watanguje aba bakurikira : Bureket Amar, Yohaness Segebo Sherade, Tsegbab Yoseph roma, Yitbarek Hatamu Wubete, Sintayehu Walche Wagesho, Esrael Eshetu Semago, Ahmed Nasir, Mesay Pawlos Dana (C), Elamo Teshita, Majahid Mohamed, Abel Endale Gizaw.

Intamba mu rugamba rero zikaba zasezereye uko igihugu ca Ethiopie zikazohura na Sudan yo mu buraruko mu rukino rukurikira rwo gukura kuranwa mu kurondera itike za CAN 2019.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.