CECAFA U-17 : Amateka igihugu c’uburundi, intara ya Gitega n’ikibuga Ingoma bigiye guterwa.

CECAFA U-17 : Amateka igihugu c’uburundi, intara ya Gitega n’ikibuga Ingoma bigiye guterwa.

Inyuma yo kumenyekana ko ikibuga Ingoma kiri mu ntara Gitega arico kizo kwakira urukino rwanyuma (finale) ya Cecafa yabatarenza imyaka cumi n’indwi (CECAFA U-17) hagati y’igihugu ca Tanzanie na Somalie kuruyu w’imana, itariki 29 ndamukiza 2018, iryo n’iteka ridasanzwe ku bibuga bisanzwe biri mu ntara hagati, kibaye ikibuga ca mbere co mu ntara hagati cakiriye urukino rwa nyuma mu nkino za Cecafa U-17.

Hambavu yiryo teka Uburundi, intara ya Gitega  hamwe n’ikibuga Ingoma muri rusangi bitewe, bigiye kwakira abategetsi batandukanye harimwo umukuru w’igihugu ca Somalie, Mohamed Abdullahi Mohamed Farjaamo azoza gushigikira abasore biwe ba Ocean stars, nkuko vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’imigenderanire nayandi makungu w’uburundi, Ezéchiel NIBIGIRA mw’ikete yandikiye ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza asabira umutekano ukwiye, umukuru w’igihugu ca Somalie.

 Mohamed Abdullahi Mohamed Farjaamo aje kuba yiyongera kuri, Ahmad Ahmad umukuru w’ishirahwamwe ry’umupira wa maguru muri afrika CAF, we vyamenyekane kuva kare ko azoza gutera iteka urwo rukino rwanyuma rwa Cecafa u-17.

 Ikibuga ingoma kigiye kuja muri kahise ki bibuga bimaze kwakira inkino za nyuma za cecafa u-17, inyuma y’ikibuga umuganwa rudoviko rwagasore (Stade Prince Louis Rwagasore) co mu gisagara ca Bujumbura 2007, hamwe n’igihugu ca Sudan cakiriye ayo mahiganwa muri 2009.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: