PRIMUS LIGUE A : Vital’o Fc ihaye akamwemwe Llb, Aigle Noir irahushura Les Lierres Fc, Athletico olympic irarokotse.

PRIMUS LIGUE A : Vital’o Fc ihaye akamwemwe Llb, Aigle Noir irahushura Les Lierres Fc, Athletico olympic irarokotse.

Www.magaratimes.com

Indwi ya 27 ya Primus Ligue yagaragayemwo umunezo n’umubabaro kuri ku migwi imwimwe, kuva aho ino ndwi  yatanguriye kuruyu wa gatanu gushika kuruyu wa gatandatu kubibuga bitandukanye vyo mugihugu c’uburundi.

Kuruyu wa Gatandatu itariki 28/ndamukiza/2018.

Imwe mu migwi yagize umunezero udasanze ni Lydia Ludic sport 4 Africa, yari ku kibuga ca Don Bosco co mu Buterere igihe c’isaha 15h, yatsinze kimwe ku busa  (1-0) Buja city, igitsindo cinjijwe na HARERIMANA Moussa Hafidh ku munota wa 45’ w’igice ca mbere, urukino rwa hagarikiwe na MANIRAKIZA Bertrand afashijwe  na Pascal NDIMUNZIGO hamwe na MANIRAKIZA jean claude.

Vital’o Fc ku kibuga ivyizigiro yongereza akamwemwe Llb mu kubatsindara Messager Ngozi igitsindo kimwe ku busa (1-0), igitsindo cinjijwe na Nuru HAKIZIMANA umukinyi wa kera wa Muzinga Fc ku munota wa 44’, hari mu rukino rwasifuwe na NIMBONA Eric afashijwe na NIBOGORA Olivier hamwe na NIYONGABO Emery.

 Aigle Noir yakiriwe na Les Lierres kuri Don Bosco, itsinda bitagoranye Les lierres, ibitsindo bi tatu ku busa (3-0), SHAKA Bienvenue atanakimwe ashaka gusigaza munzira atsindamwo bibiri wenyene hamwe na AKANAKIMANA Bienvinue atsinda ikindi. Uru rukino rwa hagarikiwe na HAKIZIMANA Bienvenue umuhagarikizi wo hagati hamwe n’abamufashije NIYUNGEKO Shaban na Désire NKURUNZIZA.

Athletico Olympic yari yagendeye Flambeau du centre mu ntara ya Gitega ku kibuga Ingoma, itsinda uyo mugwi bigoranye cane ibitsindo bi tatu kuri bibiri (4-3), ibitsindo vyose vya Athletico olympic vyinjijwe na KAVUMBAGU junior Enteko umukinyi wa kera wa Vital’o Fc hamwe na Madjaliwa Sadiki kizigenza wuyo mugwi, mugihe ibitsindo vya Flambeau du centre vyinjijwe na Yahya Sadiki bibiri (2) na NDUWAYO Fadhili kimwe (1).

Ku wa gatanu itariki 27/Ndamukiza/2018.

Olympic star ku kibuga Umuco yari yakiriye Messager Bujumbura, irayitsinda (2-0) ibitsindo vyose vyinjijwe na Slim Saidi.

Musongati  ku kibuga Ingoma, itsinda  (5-1) Les Jeunes Athletics, ibitsindo vyinjijwe na Deo NDAYISHIMIYE bi (2), Djuma Mohammed (2) na IRAKOZE Saidi kimwe.

Ngozi city ku kibuga urukundo, yaratsinze (2-0) Delta star,

Gutsindwa kwa Messager Ngozi bitumye LLb yegera cane uyo mugwi ubu ikaba irutana inota ritarenga rimwe gusa (1), Messager Ngozi iri mu kibanza ca mbere n’amanota 63, mugihe LLB ifise amanota 62 n’urukino rumwe rw’ikirarane itarakina, urukino ruzo yihuza na Olympic star itariki zi 6 Rusama 2018.

Kuruyu w’imana 29/Ndamukiza/2018.

15h00: Olympic star izokwakira iwayo ku kibuga umuco Inter stars.

 Abakinyi bamaze gutsinda vyinshi ni:

SHAKA Bienvenue wa Aigle Noir afise ibitsindo 25 mu nkino 27.

Slim SAIDI wa Olympic star afise ibitsindo 21 mu nkino 24.

Imigwi 4 ya mbere ni:

1.Messager Ngozi n’amanota 63

2.LLB n’amanota 62

3.Aigle Noir n’amanota  55

4.Vital’o fc  n’amanota 5O

Imigwi 3 iri mu bibanza vy gu koroka ni:

1.Messager Buja n’amanota 23

2.Les Jeunes n’amanota 17

3.Delta star n’amanota 9

Mwomenyako ihiganwa risigaje inkino zi 3 ku migwi imwimwe ngo rirangire.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: