Lydia Ludic sport 4Africa: Abakinyi ntibarakura ndetse n’ubwenge bwabo sikirenga.

Lydia Ludic sport 4Africa: Abakinyi ntibarakura ndetse n'ubwenge bwabo sikirenga.

www.magaratimes.com

Abakinyi bw’umugwi wa Llb ngo ntibarakura, baracari abana no mu bwenge bwabo si kirenga. Ayo namwe mu majambo yavuzwe na BANKUWIHA Emmanuel batazira Mayele umumenyereza wa Lydia Ludic sport 4Africa yabivuze inyuma yaho umugwi wiwe utsindiye Bujumbura city (1-0) ariko ihushije ibitsindo bitari bike mu gice ca kabiri c’urukino, ico gitsindo kimwe cinjijwe na Harerimana Moussa Hafidh, hari mu mundwi ya 27 ya Primus ligue urukino rwabereye ku kibuga ca Don Bosco mu Buterere.

Umumenyereza wa Llb, BANKUWIHA Emmanuel ati  » ikintu twabuze mu gice ca kabiri n’ishaka ry’abakinyi, abakinyi biwacu umengo baracari abana benshi ntibategera ivyo tubabwira nico twabuze mu gice ca kabiri, mubisanzwe urabona tumaze kuronka igitsindo kimwe mugice ca mbere, urabona ko twahushije uburyo butatu bwo kwinjiza bw’abakinyi basanzwe bakina mu mugwi nserukira gihugu (intamba mu rugamba) niwashaka, urabona ko gukura kwabo mu bwenge atari ikirenga baracari abana »

Yashikirije ivyo inyuma yo kutishimira ukuntu abakinyi biwe bitwaye mu gice ca kabiri c’urwo rukino rwabahujije na Buja city ya Omar NTAKAGERO, aho Bulimwengu Jules, Ndizeye Seif na Bazunza Jamal bahushirije ibitsindo biboneka.

Mayele  yabandanije amenyesha ko yishimiye itsinzi baronse, amenyesha kandi ko inkino zose bazitegura cokimwe kandi bafise intumbero yo gutahukana igikombe uno mwaka ariko bakabanza kurindira gushika mu mpera zihiganwa.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: