#ChampionsLeague: Real Madrid finale 16, Zinedine zidane ahambije Marcele lipi, Karim Benzema yavuye mugacere.

Zinedine Zidane ahambije umumenyereza Marcele Lipi yamenyereza kera Juventus, Karim Benzema yahavuye ava mu gacerere ko kudatsindira Real Madrid, mu kahise k'umugwi wa Real Madrid umaze gutakaza inkino za nyuma za (finale) za UEFA champions Leauge zishika kuri zitatu gusa muri finale 15 Mu kahise kawo.

The Champions League trophy

Inkino z’igikombe ca UEFA champions Leauge zigeze mû gice ca kabiri gishira icanyuma aho umugwi wa Real Madrid canke Los Blancos umaze kuronka itike ryo kuja mu rukuno rwanyuma rwa finale, inyuma yo gusezera umugwi wa Bayern Munich wo mugihugu c’ubudagi ku bitsindo bine kuri bitatu (4-3) mu nkino zose zi biri, urwambere i Allianz Arena 2-1 n’urwo gusubiriza i Santiago Bernabeu 2-2.

Mugihe biruko, amateka n’imenshi yaraye akozwe n’imigwi ndetse n’abakinyi batandukanye,
Umugwi wa Real Madrid ugeze muri finale yayo igira 16, Zinedine Zidane ahambije umumenyereza Marcele Lipi yamenyereza kera Juventus, Karim Benzema yahavuye ava mu gacerere ko kudatsindira Real Madrid.

Mu kahise k’umugwi wa Real Madrid umaze gutakaza inkino za nyuma za (finale) za UEFA champions Leauge zishika kuri zitatu gusa muri finale 15 buretse iyi bagiye gukina igira 16 izobera mu gisagara ca Kiev, 1981 umugwi wa Real Madrid waratakaje urukino rwa nyuma aho watsinzwe na Liverpool igitsindo 1-0 n’urukino rwabereye i Paris ku kibuga ca Park des princes, bayitakaza no mu 1961 batsinzwe na Benfica de Lisbonne 5-3 urukino rwabereye i Amsterdam ku kibuga Olympique , basubira kuyitakaza kandi mu 1964 aho batsinzwe na Inter de Milan 3-1 urukino rwabereye i Vienne ku kibuga Prater.

Zinedine Zidane umumenyereza wa Real Madrid ahambije umumenyereza wa kera wa Juventus de Turin, Marcele Lipi mu kwikurikiranya gushika mu nkino za finale za champions Leauge zi incuro 3, mu mwanya atari muremure cane amenyereje Real madrid, iyi n’incuro igira ga 3 y’ikurikiranije kuva muri 2016, 2017, 2018.
Karim Benzema we yahavuye ava mugacere ko kudatsindira umugwi wiwe mu nkino zo gukura kuranamwo (Knock-out) inyuma yo gutsinda ibitsindo bi 2 umugwi wiwe, yarabiherutse kuwutsindira muri 2014 igihe Real Madrid yahura na Schalke.

James Rodriguez wa Bayern Munich abaye umukinyi agira indwi atsinze umugwi wa Real Madrid yahora akinamwo, abandi babikoze ni nka: David Beckham, Alvaro Morata, Van Nistelroy, Fernando Morientes, Arjen Roben, na Zamorano.

Cristiano Ronaldo n’ubwo atatsinze igitsindo muri zino nkino zi 2 zahujije Real Madrid na Bayern Munich, aracari uwambere n’ibitsindo vyinshi amaze gutsinda uno mwaka 15, n’imugihe kandi ariwe afise ibitsindo vyinshi gusumba abandi mu kahise kiryo higanwa n’ibitsindo 120, Messi 100, Raúl González umukinyi wa kera wa Real Madrid 71, Rud Van Nisterlooy umukinyi wa kera wa Manchester United na Real Madrid ibitsindo 56, hamwe na Karim Benzema afise 54.

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: