Coupe du Président: Aigle noir na LLB-S4A niyo migwi yagwanye urugamba rukomeye cane n’ubu ikibandanya kugwana.

Imigwi umunani niyo yaronse uburenganzira bwo kuzobandanya ico gice, 6 yose ikina mu cicaro ca mbere nayo ni : Olympic star, Lydia Ludic Sport 4Africa (LLB-S4A), Vital’o fc, Musongati Fc na Delta star iyindi 2 ikaba ikina mu cicaro ca 2, Muzinga na BS Dynamik.

Photo/Ffb

 Mugihe igikombe citiriwe umukuru w’igihugu kigeze mu gice ca kane gishira icanyuma dusanga umigwi ya LLB-S4A na Aigle noir niyo yahuye n’imigwi isanzwe iri mu cicaro kimwe niyo migwi gushika nubu izobandanya guhura nayo no munkino zigice ca kane muri kino gikombe citiriwe umukuru w’igihugu.

Imigwi umunani niyo yaronse uburenganzira bwo kuzobandanya ico gice, 6 yose ikina mu cicaro ca mbere nayo ni : Olympic star, Lydia Ludic Sport 4Africa (LLB-S4A), Vital’o fc, Musongati Fc na Delta star iyindi 2 ikaba ikina mu cicaro ca 2, Muzinga na BS Dynamik.

 LLB-S4A izohura na Vital’o fc mu gice ca kane gishira ica nyuma muri kino gikombe kw’igenekerezo rya 29 Rusama 2018 ku kibuga Umuco i Muyinga, kugira ngo ushike kuri runo rwego icegeranyo cerekana ko  yatanye mu mitwe n’imigwi yo mucicaro ca mbere gusa nayo niyi ikurikira :

LLB-S4A 1-0 Le Messager Bujumbura

LLB-S4A 2-0 Flambeau de l’Est

 LLB-S4A 2-0  Buja city

Mugihe umugwi wa Vital’o fc bazohura, wakinye n’imigwi 2 yo mucicaro ca 2 hamwe n’umwe usanzwe ukina mu ntara ico twita (Championnat Local): Kiganda city 1-12 Vital’o fc

                                      Vital’o FC 2-0 Kayanza Utd

                                     Rumonge city 0-0 Vital’o Fc (Penalty 4-2)

 Aigle Noir izotana mu mitwe na Olympic star itariki 30 Rusama 2018 ku kibuga Urukundo  i Ngozi, nawonyene kugira ngo ushike muri kino gice ntivyaworoheye nagato kuko wagiye urakina n’imigwi yo mucicaro ca mbere gusa muriyo ni nka:

Flambeau du centre 2-5 Aigle Noir

Aigle Noir 1-1 Les lierres (Penalty 5-4)

Aigle Noir 4-1 Inter stars.

 Mugihe Olympic star nayo ifise icegeranyo kibayabaye cane gose ugereranije na Aigle Noir bazo tana mu mitwe, wahuye n’imigwi ibiri isanzwe ikina Championnat local hamwe n’umwe wo mucicaro ca mbere:

 Olympic star 4-0 Gitaza Fc

Malaika 0-8 OlympicStar

Messager Ngozi 0-1 Olympic star

 Musongati Fc izotana mu mitwe na BS Dynamik itariki 29 Rusama 2018 ku kibuga Ivyizigiro mu Rumonge, nawo nyene kugira ngo ushike muri kino gice wagwanye urugamba rutari ruto, aho watanye mu n’imigwi 2 yo mu cicero ca mbere ndetse n’umwe wo mucicaro ca 2:

Ngozi city 0-3 Musongati Fc

Musongati 3-1 Busoni Star

Athletico Olympic 1-2 Musongati Fc.

Burundi sport Dynamik bazohura, yoyo ikaba ifise icegeranyo kiri hasi cane aho yatanye mu mitwe n’imigwi 2 yo muri championnat local n’umwe wo mu cicero ca 2.

BS Dynamik 11-0 Lumière du moso

BS Dynamik 1-0 Volontaire

BS Dynamik 5-1 Muramvya City

Delta star izotana mu mitwe na Muzinga Fc itariki 30 Rusama 2018 ku kibuga Ingoma i Gitega,  icegeranyo cerekana ko kugira uyo mugwi ushike muri kino gice watanye mu mitwe n’imigwi iri muri championnat local ibiri hamwe n’umwe wo mucicaro ca 2

Rusizi Fc 1-2 Delta star

Delta Star 5-2 Santé FC

Club Matana  5-2 Delta star

Mugihe Umugwi wa Muzinga Fc icegeranyo cerekana ko ata na hamwe utaniye na Delta star kuko nawonyene wahuye n’imigwi ibiri ibayabaye cane hamwe n’umwe wo mucicaro ca 2:

Muzinga Fc 2-0 Mapenzi Fc

Transport 0-1 Muzinga FC
Club Kiremba Bururi 0-1 Muzinga.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: