#PrimusLigueA: Inter stars yaburabuje LLB-S4A, Vital’o Fc yahanaguye amateka ya Olympic star, Buja city nayo ivyo gutsindwa ibigize umugenzo.

Primus Ligue indwi ya 28 yatanze umunezo kuri bamwe ndetse itanga n'umubabaro kubandi, aho Llb yicurikiye, Les Jeunes athetics na Les lierres biserura akamwemwe

Ihiganwa rikuru ryo mu Burundi Primus Ligue, ryinjiye mundwi yaryo ya 28 aho imigwi itandukanye yatanye mu mitwe ku bibuga bitandukanye, wari umunezero kuri bamwe abandi uba umubabaro vyose ni muri indwi ya 28.

 Inter star ya MIBURO Aboubakar yari yakiriye Lydia Ludic kuri Don Bosco yanganije 0-0 ibi bikaba bije kuburabuza Lydia Ludic Sport 4Africa kurara isumbije amanota umugwi wa Messager Ngozi bariko bahiganirwa ikibanza ca mbere yose ubu ikaba ifise amanota 63 mugihe Messager Ngozi izokina ejo ku w’imana na Ngozi city.

 Les Lierres nayo yarimaze imisi idatsinda yaje kwiruhutsa mu kuronka amanota atatu itsinze Athletico Olympic igitsindo 1-0 cinjijwe na RUKINGAMA Ramazani Bwaya hari kuri Don Bosco mu Buterere.

 Vital’o Fc yanyagiye umugwi wa Delta star ibitsindo 8-0, Nuru HAKIZIMANA wenyene atsindamwo 4, BIZIMANA Hassan bi 2, NGENZI Issa na TOYI Stive batsinda kimwe kimwe ni kurukino rwabereye mu Rumonge ku kibuga Ivyizigiro, Vital’o Fc uciye uja mu mateka yo muruno mwaka w’inkino wo gutsinda ibitsindo vyinshi mugihe ayo mateka yarafiswe n’umugwi wa Olympic star wari waratsinze Delta star nyene ibitsindo 7-0 hari mu ntango zihiganwa.

 Olympic star yoyo kuva igisezererwa mu mahiganwa ya afrika (Coupe de la Confederation) ntaco igisigza mu nzira uno munsi iwayo kuri Umuco watsinzwe  Buja city 1-0, igitsindo cinjijwe na Slim Saidi aciye akwiza ibitsindo 22 mu batsinda vyinshi, Buja city ivyo gutsindwa ibigize umugenzo kuko yikurikiranije inkino zi 2 itsindwa.

Musongati Fc bayikweze amashati iwayo ku kibuga Ingoma, yanganije na Messager Bujumbura 2-2,  Musongati Fc niyo yatanguye gutsinda ibitsindo bi 2 vyinjijwe na MUSORE Aaron, bigomborwa na Francois NSHIMIRIMANA kuri penariti hamwe na Madja batazira Messi.

Flambeau de l’est yo mu Ruyigi yari yakiriye kuri Ingoma ku ncuro yabo yambere, yatsinzwe 2-1 na Les jeune Athletics ya Djuma Vital.

Kuruyu w’imana hakaba hategekanijwe inkino zi biri gusa

15h00 i Gitega kuri Ingoma: Flambeau de centre vs Aigle Noir.

15h00 i Ngozi kuri Urukundo : Ngozi city vs Messager Ngozi.

        

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: