#Burundi: Ubuyobozi Bwa Kaminuza Yitiriwe Ikiyaga Tanganyika Bwafashe Ingingo Yo Gufuta Umwaka w’Ishure wi 2016-2017 Mu Mwaka Wa 2 Mu Gisata c’Ubutunzi.
Abo banyeshure bakaba badafise uburenganzira bwo kwiyandikisha umwaka uza. Uyo muyobozi akaba ahakana ko mu matohoza yakozwe ata bakozi biyo kaminuza bagirwa nubwo busuma.
Ubuyobozi bwa kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika bwafashe ingingo yo gufuta umwaka w’ishure wi 2016-2017 kuba nyeshure 46 harimwo babiri birukanywe burundu bo mu mwaka wa 2 mu gisata c’ubutunzi ivyo bita »Sciences de Gestion et d’Economie Appliquée ».
umuyobozi w’iryo shure Evariste NGAYIMPENDA yabivuze mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatano avuga ko bagirizwa ubusuma bwo guhindura amanota bari baronse inyuma yo gusibiramwo ibibazo .
Abo banyeshure bakaba badafise uburenganzira bwo kwiyandikisha umwaka uza. Uyo muyobozi akaba ahakana ko mu matohoza yakozwe ata bakozi biyo kaminuza bagirwa nubwo busuma.
Clément NDINDURUVUGO na Reverien NIHABOSEakaba aribo banyeshure birukanywe burundu.
0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!
Ivyiyumviro!
Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.