#LIGUEB: Magara star yaraburabuje Rumonge city, Kayanza United ironkera uburenganzira bwo kuduga muri Primus Ligue A kuri Les Crocos.
Rukinzo Fc na Kayanza united niyo imaze kuronka uburenganzira bwo kuduga icicaro kuja muri Primus Ligue A mu kurindira uwundi mugwi uzobaherekeza mu cicaro ca mbere mugihe ihiganwa rigisigaje indwi yamyuma ya 14 ngo rirangire.
Inkino zo mu cicaro ca kabari, Ligue B mu Burundi zari zigeze mundwi yazo igira 13, yabonetsemwo uwundi mugwi ugiye guhereka umugwi wa Rukinzo Fc wo mw’itsinda rya A, nawo ni Kayanza united yo mw’itsinda rya B iyo migwi ibiri ubu niyo imaze kuronka uburenganzira bwokuduga icicaro mu kurindira uwundi mugwi umwe uzokina amajonjora (Barrage) kugira ngo ikwire imigwi 3 izoca ikina mu mwaka uza muri Primus Ligue A, Mugihe ihiganwa ryo mu cicaro ca 2, ligue B igisigaje urukino rumwe rumwe buri mugwi.
Iyondwi ikaba yagenze uku gukurikira :
Kuwa gatandatu itariki 05 Rusama 2018.
Ku kibuga gatwaro mu Kanyanza: Kayanza united 3-0 Les crocos.
Kuri camp Rukinga mu Rumonge: Rumonge city 2-2 Magara stars.
I Bubanza: Les éléphants 2-0 Busoni star.
I Muramvya: Transport Fc 2-0 Rukinzo Fc.
Kuri Camp DCA: Muzinga 1- 0 Bumamuru Fc
Kuruyu w’imana itariki 06 Rusama 2018
Kuri Don Bosco mu Buterere 15h: ESpoir 0-2 BS Dynamik
Kuri Don Bosco mu Buterere 13h: Volontaire Fc 3-0 Rusizi fc
Ku kibuga Umuco i Muyinga: Unité Fc 1-0 Moso sugar.
Indwi ya nyuma igira 14 yo mucicaro ca 2 ikaba itegekanijwe itariki 13 Rusama aho imigwi yose izokinira kw’isaha imwe 15h00 ku bibuga bitandukanye.
Ivyizigiro: Les crocos vs Rumonge city
Umuco: Unité Fc vs Busoni star
Gatwaro: Kayanza united vs Les éléphants
Don Bosco: BS Dynamik vs Bumamuru Fc
Sosumo: Moso sugar vs Magara star
Urunani: Rusizi Fc vs Rukinzo Fc
Royal de Muramvya: Volontaires Fc vs Transport Fc
Camp DCA : Muzinga Fc vs Espoir Fc
0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!
Ivyiyumviro!
Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.