Burundi U-20 : Urutonde rw’abakinyi 25 bagomba kwitegurira igihugu ca Soudan bashizwe ahabona na Joslin BIPFUBUSA.

Ugerageje kuraba muri runo rutonde ufatiye no kuri rwa rutonde rwambere rwateguye urukino rwo gusubiriza igihe Intamba mu rugamba U-20 yatanye mu mitwe na Ethiopie,Uburundi bwatsinze 1-0 dusangamwo impinduka za bakinyi ba biri gusa barimwo ariko batagaragara muri runo rutonde

Mugihe hagisigaye imisi itarenga 3 gusa ngo Intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20 bakire igihugu ca Sudan umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba yabari musi y’imyaka 20 afadikanije n’abandi bajejwe ubuhinga muruyo mugwi basohoye urutonde rwabakinyi 25 bagomba kwitegurira igihugu ca Sudan mu kurondera itike za CAN U-20 zizobera mu gihugu ca Niger muri 2019, abo bakinyi naba bakurikira:

1.RUKUNDO Onésime (MESSAGER NGOZI)
2.KITENGE Ally Tonton (BUJA CITY)
3.NDUWIMANA Hailé Shalom (NGOZI CITY)
4.SELEMAN Moustafa ( AIGLE NOIR SC)
5.MURYANGO Moussa (VITAL’O FC)
6.NDORIYOBIJA Eric (LLB S4A)
7.HAKIZIMANA Héritier (AIGLE NOIR SC)
8.NDIZEYE Eric (MUSONGATI FC)
9.BIGIRIMANA Ramadhan(AIGLE NOIR SC)
10.KAMANA Ismaïl (AIGLE NOIR SC)
11.NDAYE Chancel (LLB S4A)
12.IRADUKUNDA Parfait ( MUSONGATI FC)
13.MBIRIZI Éric(BUJA CITY)
14.MURYANGO Mabano (AIGLE NOIR SC)
15.EZA Armel (NGOZI CITY)
16.NSHIMIRIMANA Jospin (DELTA STAR)
17.NSENGIYUMVA Rahim (MESSAGER NGOZI)
18.DJUMA Muhamedi ( MUSONGATI FC )
19.KWIZERA Eric (LES LIERRES FC)
20.KANAKIMANA Bienvenue (AIGLE NOIR SC)
21.RAMADHAN Pascal ( OLYMPIC STAR)
22.SHAKA Bienvenue (AIGLE NOIR SC)
23.ULIMWENGU Jules (LLB S4A)
24.MAVUGO Cédric titi (AIGLE NOIR SC)
25.NDIKUMANA Magloire (OLYMPIC STAR)

Ugerageje kuraba muri runo rutonde ufatiye no kuri rwa rutonde rwambere rwateguye urukino rwo gusubiriza igihe Intamba mu rugamba U-20 yatanye mu mitwe na Ethiopie,Uburundi bwatsinze 1-0 dusangamwo impinduka za bakinyi ba biri gusa barimwo ariko batagaragara muri runo rutonde ni nka, Ladislas MPISEMWONEZA (Messager Ngozi ) na IRAKOZE Saidi (Musongati Fc) basubirijwe na BULIMWENGU Jules (LLB) na Magloire NDIKUMANA (Olympic star) uru rutonde rukaba rwasohowe kuruyu wa gatatu itariki 09/Rusama/2018 mu nyubako z’icicaro gikuru c’umupira wa maguru mu Burundi (FFB). Inyuma yo gusezerera igihugu ca Ethiopie, Intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20 bitegekanijwe ko zizotana mu mitwe n’igihugu ca Sudan kuruyu wa gatandatu itariki 12/Rusama/2018 ku kibuga Urukundo mu ntara ya Ngozi aho mbere kuruyu musi nyene baciye berekeza mu ntara ya Ngozi mu mwiherero, bashikiye kw’ihoteri yitwa Inarunyonga kugirango batangure imyimenyerezo nayo ikaba itegekanijwe ku musi w’ejo igihe c’isaha 15h ku kibuga Urukundo.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: