Burundi-Football/ Amajambo yavugiwe mu kigo ca Brarudi igihe Jonathan NAHIMANA umunyegori wa Vital’o Fc yariko arahabwa agashimwe.
Ivyo birori vyaruguruwe icese nuwari yaserukiye ishirahamwe rya Brarudi, akurikirwa n’icegera c’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira wa maguru Aimable HABIMANA aho yashikirije ijambo yari yarungikanywe na FFB, hakurikira kandi Umuyobozi w’ikinyamakuru Burundisport, Diègue NIFASHA aho yashimiye cane Brarudi hamwe n’ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi ndetse yaribukije abatoye Jonathan abaribo n’ukuntu bamutoye n’amajwi yaronse.
Kuva iburyo Slim Saidi, Diègue NIFASHA na Jonathan NAHIMANA
Ibirori vyo guhabwa agashimwe Jonathan NAHIMANA umunyegori wa Vital’o fc ko mukwezi kwa Ndamukiza nk’umukinyi yigenjeje neza gusumba abandi bose muri Primus League nkuko twabibamenyesheje, Ivyo birori vyaruguruwe icese nuwari yaserukiye ishirahamwe rya Brarudi, akurikirwa n’icegera c’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira wa maguru Aimable HABIMANA aho yashikirije ijambo yari yarungikanywe na FFB, hakurikira kandi Umuyobozi w’ikinyamakuru Burundisport, Diègue NIFASHA aho yashimiye cane Brarudi hamwe n’ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi ndetse yaribukije abatoye Jonathan abaribo n’ukuntu bamutoye n’amajwi yaronse. Inyuma yiwe Jonathan NAHIMANA yaciye ahabwa agashimwe kiwe kangana n’ibibumbi amajana abiri na mirongo itanu vya marundi (250.000fbu) biberamwo akaryo kabamenyesha makuru kumubaza ibibazo bitandukanye vyose ni muri kino kiganiro mwateguriwe nanje Ismail KWIZERA mukagishikirizwa na magaratimes ikaze mw’ido n’ido yivyavugiwe ngaho muri Brarudi kuriyi Audio.
0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!
Ivyiyumviro!
Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.