Olympic Star yoba yaragize uruhara rwo Kudatumwako Slim Saidi mu ntamba murugamba za batarenza imyaka 20?

“Jewe nka Slim Saidi mfise imyaka 19”  iyo n’inyishu yatanzwe n’uwo mukinyi wa kera wa Unité Fc Slim Saidi,

Mugihe benshi babandanya bibaza impamvu umusatirizi akomeye cane wa Olympic star Slim Saidi adahamagarwa mu ntamba mu rugamba zabari musi y’imyaka 20, munsiguro zatanzwe n’umumenyereza w’intamba mu rugamba zabo batarenza imyaka 20 Joslin BIPFUBUSA nuko uyo musatirizi afise imyaka irenga n’iyisabwa n’amategeko yiryo higanwa nukuvugako ibimuranga vyerekana ko afise imyaka 21. Mbega Slim Saidi vy’ukuri yoba afise Imyaka ingahe?

Mukiganiro yahaye abanditsi n’abamenyesha makuru kuruyu wa gatanu igihe yariko arahabwa agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza gusumba abandi ko mukwezi kwa Nyakanga mu mwaka uheze 2017, agashimwe yahawe n’ishirahamwe rya Brarudi ribicishije mukinyobwa cabo Primus bafadikanije n’ikinyamakuru Burundisport, ico kibazo c’imyaka yiwe yaracishuye aho yagize ati “Jewe nka Slim Saidi mfise imyaka 19”  iyo n’inyishu yatanzwe n’uwo mukinyi wa kera wa Unité Fc Slim Saidi, abamenyesha makuru bongera baramubaza impamvu adatumwako mu ntamba mu rugamba mugihe we avuga ko afise imyaka 19 Saidi yishuranye agahinda aho yatunze agatoki komite y’umugwi wa Olympic star yagize ati “Kuba batampamagaye mu mugwi nserukira gihugu nibijanye na komite nyene ya Olympic star ivyo jewe sino vyinjiramwo cane” abamenyesha makuru basa nabatashoboye gusobanukirwa neza nivyo vyavuzwe na Slim Saidi barabaza insiguro nziza yivyo yavuze Slim arasubira agira ati “Barihenze imyaka kubera ko jewe imyaka nabahaye yari kuri karanga muntu yanje sivyo bagize muri passeport baca bigirira ivyabo ibitari kuri ndanka muntu yanje”

Murico kiganiro nyene yahaye abanditsi n’abamenyesha makuru, Slim Saidi yamenyesheje ko umwe mu bakinyi bakunda bahano iwacu ari Saidi NTIBAZONKIZA benshi bazi kw’izina rya Saido.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.