BURUNDI U-20: Joslin BIPFUBUSA yahaye ubutumwa bwokwizeza itsinzi abarundi imbere yo gutana mu mitwe n’igihugu ca Sudan.

Joslin BIPFUBUSA umumenyereza mukuru w'intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20  yarungikiye ubutumwa bwo gukengurukira abarongoye ishirahamwe ry'umupira wa maguru mu Burundi FFB, yongera arizeza itsinzi abarundi ariko akabasa kubasabira ku mana mushobora vyose kugira ngo nabo baheze bavyitwaremwo neza ku musi w'ejo bazotana mu mitwe na Sudan

Ifoto ya Burundisport Joslin BIPFUBUSA

Imbere yaho ataratana mu mitwe n’igihugu ca Sudan mu rukino rwo gusubiriza rutegekanijwe kuruyu w’imana i Kharthoum mu gisagara ca Sudan, Joslin BIPFUBUSA umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20  yarungikiye ubutumwa bwo gukengurukira abarongoye ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi FFB, yongera arizeza itsinzi abarundi ariko akabasa kubasabira ku mana mushobora vyose kugira ngo nabo baheze bavyitwaremwo neza ku musi w’ejo bazotana mu mitwe na Sudan BIPFUBUSA abicishije muri site ya FFB yagize ati:

« Kwizina rya staff technique ndongoye no kwizina ry’abakinyi dufashanyije kurongoro narimfashe akanya ko kubamenyesha ko umugwi wose wifashe neza. turashimiye umuco twahawe na nyakubahwa arongoye ishirahamwe ry’umupira wamaguru muburundi kukibazo cari cadushikiye tukanashimara kukungene yatubaye hafi akadufata mumugongo. twashaka kumenyesha abakunzi b’INTAMBA MURUGAMBA yuko twiteguriye neza urukino gwo kumusi wamungu ruzoduhuza numugwi wa Soudani turabasavye mutube inyuma mudushigikire nkuko mwama mubikora turakenye ibisabisho n’imihezagiro vyu murundi wese aharihose kw’isi kuko nurugamba gwatwese natwe turabemereye kunguvu z’uwuhoraho ko tuzokora ibishoboka vyose kugira ibendera ry’igihugu cacu gihire ca twibarutse kiduhora k’umutima gishinge icumu mumakungu gikomegwa amashi namakungu gihabwe impundu nabaco isamirane mumakungu. Turabashimiye tukagaruka nokwipfuriza aba ISLAM bo kw’isi yose Amafungo meza. » ivyo nivyo vyashikirijwe nuwo mu menyereza wa kera wa Messager Ngozi Joslin BIPFUBUSA

Ashikirije ivyo imyuma yaho uwurongeye ishirahamwe ry’umupira wa maguru Réverien NDIKURIYO yasiguye impamvu batakiriwe neza mu gihugu ca Sudan.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: