Coupe du monde 2018 : Ububirigi bwasohoye urutonde rw’abakinyi 28 bimfata kibaza bazobuserukira.

Radja Nainggolan umukinyi wo hagati wa As Roma yo mu butariyano ntarimwo mugihe umugwi wiwe washitse mu gice ca 2 gishira icanyma muri UEFA Champions League.

Murutonde rw’abakinyi 28 rw’abakinyi  b’igihugu c’ububirigi rwasohowe uno musi itariki 21 Rusama n’umumenyereza Roberto Martinez umunya Espagne umukinyi Radja Nainggolan umukinyi wo hagati wa As Roma yo mu butariyano ntarimwo mugihe umugwi wiwe washitse mu gice ca 2 gishira icanyma muri UEFA Champions League.

Roberto Martinez abajijwe n’abamenyesha makuru impamvu ata mutumyeko yishuye ko mumikenyuro yiwe  uyo mukinyi ntakibanza afise. Ivyaciye bituma mbere uyo mukinyi yandika kurubuga rwiwe rya Instagram ko ahagaritse ivyo gukinira igihugu ciwe ca Belgique canke Les diables rouges.

Muri runo rutonde yasohoye dusangamwo abakinyi bavukana nka Eden Hazard na Thorgan Hazard, Jordan Lukaku na Romelu Lukaku urutonde rwuzuye narwo nururukurikira:

Abanyegori: Thibaut Courtois, Simon Mignolet, Koen Casteels, Matz Sels.

Imyugariro: Toby Alderweireld, Dedryck Boyata, Laurent Ciman, Christian Kabasele, Vincent Kompany, Jordan Lukaku, Thomas Meunier, Thomas Vermaelen, Jan Vertonghen.

Abakinyi bohagati: Nacer Chadli, Kevin De Bruyne, Moussa Dembélé, Leander Dendoncker, Marouane Fellaini, Adnan Januzaj, Youri Tielemans, Axel Witsel.

Abasatirizi: Michy Batshuayi, Christian Benteke, Yannick Carrasco, Eden Hazard, Thorgan Hazard, Romelu Lukaku, Dries Mertens.

Bitegekanijwe ko urutonde ntabanduka rw’abakinyi 23 azorushira ahabona kw’igenekerezo rya 4 canke 6 Ruheshi uyu mwaka nyene.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: