Abantu Bipimisha Indwara Zifatira Mu Mafyigo Batera Bongerekana Kandi N’ibikoresho Bifasha Mu Kuzipima Vyarongerekanye Mu Burundi

Ngo kenshi mu mvo nkuru nkuru zituma abantu bagwara indwara y’amfyigo hariho indwara y’igisukari n’indwara y’ivunduka ry’umurindi w’amaraso.

Ngo abantu bipimisha indwara zifatira mu mafyigo batera bongerekana kandi n’ibikoresho bifasha mu kuzipima vyarongerekanye mu Burundi. Ivyo bikemezwa na muganga Sylvain Pierre NZEYIMANA, umuhinga yanonosoye ibijanye no kuvura indwara zo mu mafyigo, hakaba hari mu ruganda rwateguwe n’abanyeshure ba kaminuza ya Ngozi mu kurabira hamwe ukuntu hotezwa imbere amagara y’abantu mu Burundi.

Muganga Sylvain Pierre NZEYIMANA amenyesha yuko dialyse ari uburyo bwo gufasha abantu bafise ingorane y’amafyigo, abantu amafyigo yabo atagikora kubera imvo iyi canke iyindi. Ngo kenshi mu mvo nkuru nkuru zibituma hariho  indwara y’igisukari n’indwara y’ivunduka ry’umurindi w’amaraso.

Sylvain Pierre NZEYIMANA amenyesha kandi yuko mu Burundi  vyifashe neza kuko dialyse ihari, i bujumbura, hamwe na ruguru i karusi.

Ngo ivyo rero birafasha abantu kuko mu misi yahera kugira umuntu aronke dialyse, yategerezwa kujabuka imbibe akaja hanze ugasanga kenshi bitwara uburyo canke naho uburyo buhari ugasanga muri uwo mwanya amagara atifashe neza bigaca bigorana ukuntu umurwayi ashika aho hantu kuko amagara atifashe neza.

Ngo rero ubu ibintu vyifashe neza mugabo haracahari ibikorwa kugira ngo ivya dialyse bitsimbatare neza ariko aho u Burundi bugeze birashimishije.

Kubwa Sylvain Pierre NZEYIMANA ngo kenshi indwara y’amfyigo ntibabaza nico gituma umuntu aja kumenya ko ayirwaye yasinzikaye hanyuma kandi kenshi abantu bakunda kwivuza aruko barwaye ugasanga bagiye kwivuza baremvye.

Sylvain Pierre NZEYIMANA yarangije asaba abantu bafise indwara y’igisukari n’indwara y’ivunduka ry’umurindi w’amaraso, abantu bafise ibiro vyinshi, abantu bafise abantu mu miryango yabo barwaye amafyigo ko bo kwisuzumisha kare kugira ngo nimba iyo ndwara ya mafyigo  umuntu yoba ayifise ayimenye kare ayivure canke nimba atayafise  umuntu abafashe kuyirinda ntibayirware.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: