Ibice Birenga 10 Kw’ijana Vyabafata Ibiyayura Mutwe Babicishije Mu Rushinge Ngo Nibo Bagendana Umugera Wa Sida Mu Gisagara Ca Bujumbura

Ngo ABS irakurikiza amategeko, Pierre Claver NDAYIZEYE avuga ko abanywarumogi atari abicanyi naho bohanwa, bakubitwe inkoni ngufi ntibafatwe nk’abicanyi

Ibice birenga 10 kw’ijana vyabafata ibiyayura mutwe babicishije mu rushinge ngo nibo bagendana umugera wa sida mu gisagara ca Bujumbura nkuko ivyigwa vyakozwe n’ishirahamwe ABS ryishinze kurwanya ikiza SIDA (ABS) rivyerekana. Ivyo bikaba bishirizwa n’uwuserukira ABS mu Burundi mu ruganda rwo guhanahana ivyiyumviro n’abarongeye abandi mu gipolisi kuri uyu wa gatatu mu ntumbero yo kurabira hamwe ingene bogabanya inkurikizi zijanye no gufata ibiyarura mutwe n’ingene ababifata bofashwa bakongera bakavurwa.

Kubwa Pierre Claver NDAYIZEYE umunyamanga mpuzabikorwa muri iryo shirahamwe avuga ko babandanya guhimiriza uyo murwi wabafata ibiyayura mutwe bakoresheje inshinge kugira ngo bahindure ingendo binabafashe kwirinda kwanduzanya ico kiza.

Ngo «ABS irakurikiza amategeko». Pierre Claver NDAYIZEYE avuga ko abanywarumogi atari abicanyi naho bohanwa, bakubitwe inkoni ngufi ntibafatwe nk’abicanyi. Ngo mu gihe baba barwaye baronke uburanganzira bwo kuja kwa muganga hanyuma ABS imufashe.

Ngo kandi igikorwa ABS ikora  sico kubashigira na gato mu kunywa ibiyayura mutwe. Ngo baraba  amateka ajanye no kwivuza ku muntu wese ashobora kuba afise ingorane ku magara yiwe

Pierre Claver NDAYIZEYE yarangije avuga ko umugambi wa ABS ufatiye ku murwi wabitera ibiyayura mutwe  bakoresheje inshinge. Ngo uwo mugambi ukaba ukorera i Bujumbura gusa.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: