Burundi Foot-féminin Ligue A: Fofila-PF yasigiye amarira na gahinda umugwi wa PVP Buyenzi.

urukino abenshi bari bahanze amaso n’urukino rwahujije umugwi wa Fofila Pf na PVP Buyenzi kuri CTN mu ngagara aho rwarangiye kutsinzi y’umugwi wa Fofila PF y’ibitsindo 3 kuri 2 vya PVP Buyenzi

Mundwi 10 y’ihiganwa ryo mucicaro ca mbere kuruhande rw’abigeme ryabandanije kuruyu w’imana ku bibuga bitandukanye ariko urukino abenshi bari bahanze amaso n’urukino rwahujije umugwi wa Fofila Pf na PVP Buyenzi kuri CTN mu ngagara aho rwarangiye kutsinzi y’umugwi wa Fofila PF y’ibitsindo 3 kuri 2 vya PVP Buyenzi ivyo biciye bituma Fofila PF isiga kubudasa bw’amanota 3 umugwi wa PVP Buyenzi mu kibanza ca mbere n’amanota 28 mugihe PVP Buyenzi Ifise amanota 25 ivyo rero bikaba vyababaje cane abo bigeme bo mu Buyenzi aho urukino rwarangiye kizigenza wabo ASHA DJafar asanzwe ari na kizigenza w’intamba mu rugamba za bigeme arira cane ndetse n’abandi bakinyi basanzwe bari muruyo mugwi basohowe mukibuga baterurwa bivanye nuko batakaje urwo rukino aho bo kuruhande rwabo bari barufashe nka finale.

 PVP Buyenzi 2-3 Fofila-PF

Lionne star 0-3 La Colombe

Onze Etoiles 0-2 Christ Roi

Ubuntu Fc 1-0 Rainbow

Imigwi nayo ikaba irutana uku gukurikira:

 1. Fofila PF : 28pts + 48 buts

2. PVP Buyenzi: 25pts + 69 buts

3. La Colombe FC : 19pts + 27buts
4. Rain Bow : 13pts – 18buts

5. Ubuntu FC : 12pts – 29buts
6. Lionne Star : 11pts – 15buts
7. Christ Roi: 6pts – 35 buts
8. Onze Étoile: 1pt – 46 buts

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: