Abarundi Ngo Bagiye Gutangura Gukoresha Urupapuro Rw’inzira Rwo Mu Muryango Wa Africa y’Ubuseruko

Ngo ico gitabo gifise akarusho kanini rwose ku mvo yuko abenegihugu bahora bafise igitabo c’inzira c’imyaka itanu ubu kigiye kuba ico imyaka cumi

Abarundi ngo bagiye gutangura gukoresha urupapuro rw’inzira rwo mu muryango wa Africa y’ubuseruko. Itangwa ry’urwo rupapuro rwatangujwe kuri uyu wa mbere n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu rukaba rugiye kugurwa ibihumbi amajana abiri na mirongo itatu na bitanu (235 000) nkuko urwari ruhasanzwe rwahora rugurwa.

Kubwa Commissaire mukuru w’igipolisi kijejwe imbibe, ibirere n’abanyamahanga Jimmy HATUNGIMANA, ngo ico gitabo c’inzira kijeho ku mvo yuko hari inama ya bakuru b’ibihugu igira cumi n’indwi yabereye Tanzania i Harusha rero ngo muri  iyo nama bumvikanye yuko ibihugu bigize ishirahamwe rya Africa y’ubuseruko ryoba rifise igitabo kimwe ngo ico gitabo kikaba gifise irangi rimwe haba igitabo cicubahiro haba igitabo c’ingenzi zisanzwe haba igitabo c’ingenzi zigenda mu kazi k’igihugu.

Ngo ico gitabo gifise akarusho kanini rwose ku mvo yuko abenegihugu bahora bafise igitabo c’inzira c’imyaka itanu ubu kigiye kuba ico imyaka cumi. Ivyo rero bikazoborohereza mu ngendo za misi yose. Ngo kuko hariho benshi nk’abagwizatunga bagenda mu mirimo itandukanye hanze usanga igitabo cabo c’inzira gihera imbere yuko iyo myaka itanu ihera rero ivyo ni akarusho kanini rwose.

Jimmy HATUNGIMANA amenyesha kandi yuko igitabo ca kera kibandanya gikora. Ngo leta ni umuvyeyi, izoheza idutegurire nivyaba ngombwa kigume gikora kugeza imyaka itano cagenewe.

Jimmy HATUNGIMANA yarangije avuga yuko abarundi bari hanze y’igihugu naho bazoba bari muri africa y’ubuseruko nabo nyene bazosimbira i bujumbura kuko si kure cane rwose baheze baronke ivyo bitabo vy’inzira bitagoranye kuko igitabo c’inzira c’uburundi kuva aho kigiriyeho hasabwa yuko umuntu we nyene yizira hanyuma agashirako igikumu hanyuma bakamufotora akongera akanasinya rero ivyo bizoguma uko.

 

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: