Basket-ball ACBAB: Uku niko imigwi yatsindanye mundwi ya nyuma irangiza igice ca mbere c’ihiganwa.
umugwi w’urunani warangije inkino indwi utsinzwe urukino rumwe gusa mugihe kuruhande rw’abigeme, Les Gazelles yarangije igice ca mbere c’ihiganwa itsinze umukeba wayo Berco stars.
Igice ca mbere c’ihiganwa rya Basket-Ball mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaboko ry’ibujumbura ACBAB carangiye mu mpera zino ndwi aho umugwi w’urunani warangije inkino indwi utsinzwe urukino rumwe gusa mugihe kuruhande rw’abigeme, Les Gazelles yarangije igice ca mbere c’ihiganwa itsinze umukeba wayo Berco stars.
Kuruhande rw’abahungu mu cicaro ca mbere
Urunani 77 – 57 Les hipppos
Muzinga 61 – 68 Dynamo
Kern 96 – 76 Mutanga United.
Gymkana 85 -87 New Star
Kuruhande rw’abahungu mu cicaro ca kabiri.
Mutanga United. 61 -64 Les Amis
Gymkana 32 -51 Tuze
Dynamo 47 -53 Gasenyi
Urunani 41 -56 Tuze
New Star 60 – 57 Gymkana
Ambassadors 44 – 38 Ishaka
Kuruhande rw’abigeme mu cicaro ca mbere
Rumuri 44 – 74 Aigle Noir
Les Gazelles 77 – 53 Berco Star.
Mwomenyako mu cicro ca kabiri ku ruhande rw’abigeme hariho imigwi itarenga ibiri gusa, Berco Stars na Les Gazelles nayo ikaba imaze kurungiza igice ca mbere c’ihiganwa.
Abakinyi bigenjeje neza gusumba abandi baranze ino ndwi yanyuma irangiza igice ca mbere c’ihiganwa ry’umupira w’amaboko Basket-ball nabo naba bakurikira:
Mu cicaro ca mbere kubahungu umukinyi NISENGWE Belard batazira (LeBron) wa KERN niwe yigenjeje neza gusumba abandi murino mugihe kuruhande rw’abigeme ari umukinyi NIYONKURU Elsa wa (Les Gazelles).
0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!
Ivyiyumviro!
Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.