Coupe du monde 2018: Ibisagara 11 biri mu gihugu c’uburusiya hamwe n’ibibuga 13 nivyo bizokwakira inkino z’igikombe c’isi yose.

igisagara ca Moscou kiza kwisonga gifise ibibuga 3 bizokwakira izo nkino kimwe murivyo bibuga 3 kizokwakira urukino rwo gutangura ndetse n’urukino rwo kwugara izonkino, urukino rwa finale ico kibuga citwa Loujniki.

 

Mugihe hasigaye imisi mike gusa kugira ngo igikombe c’isi yose gitangure, inkino zikaba zitegekanijwe gutangura icese itariki 14 Ruheshi,izo nkino zose zikazobera mu gihugu c’uburusiya mu bisagara 11 bitandukanye hamwe n’ibibuga 13 nivyo bizokwakira ico gikombe kigira 21 mu mateka yaco muri bino bisagara bizokwakira izo nkino dusangamwo igisagara ca Moscou kiza kwisonga gifise ibibuga 3 bizokwakira izo nkino kimwe murivyo bibuga 3 kizokwakira urukino rwo gutangura ndetse n’urukino rwo kwugara izonkino, urukino rwa finale ico kibuga citwa Loujniki. Muri rusangi ibi ni bimwe mu bisagara hamwe n’ibibuga biri murivyo bisagara bizokwakira igikombe c’isi yose ca 2018 mu gihugu c’uburusiya:

     1. Igisagara ca Moscou, hari ibibuga bitatu bi zokwakira izo nkino z’igikombe c’isi yose  Ikibuga Loujniki, nikino kibuga nyene kizokwugurura izonkino kandi kikazokwakira n’urukino rwanyuma rwa finale murizo nkino, Ikibuga  Dinamo
(VTB Arena)
naco nyene kiri murico gisagara hamwe n’ikibuga Otkritie Arena
(Spartak)
vyose bibarizwa i Moscou.

     2. Igisagara caSaint-Pétersbourg gifise Ikibuga citwa Zénit Arena

     3. Igisagara ca Kaliningrad gifise ikibuga citwa Kaliningrad Arena

     4. Igisagara ca  Nijni Novgorod gifise  ikibuga citwa  Nijni Novgorod

     5. Igisagara ca  Kazan, gifise ikibuga citwa Kazan Arena

     6. Igisagara ca Samara, gifise ikibuga citwa Samara Arena

     7. Igisagara ca Saransk, gifise ikibuga citwa Mordovia Arena

     8. Igisagara ca  Volgograd, gifise ikibuga citwa Volgograd Arena

     9. Igisagara ca Sotchi, gifise ikibuga citwa Ficht

   10. Igisagara ca Ekaterinbourg, gifise ikibuga citwa, Ekaterinburg Arena

  11. Igisagara ca Rostov-sur-le-Don, gifise ikibuga citwa Rostov Arena

Ibihugu 32 nivyo bizoba biri murivyo bisagara kwitabira izo nkino z’igikombe c’isi bizoba bihurikiye mu matsinda 8 buri itsinda rigizwe n’ibihugu 4

Itsinda A : Russie, Uruguay, Egypte, Arabie Saoudite

Itsinda B : Portugal, Espagne, Iran, Maroc

Itsinda C : France, Pérou, Danemark, Australie

Itsinda D : Argentine, Croatie, Islande, Nigeria

Itsinda E : Brésil, Suisse, Costa Rica, Serbie

Itsinda F : Allemagne, Mexique, Suède, Corée du Sud

Itsinda G : Belgique, Angleterre, Tunisie, Panama

Itsinda H : Pologne, Colombie, Sénégal, Japon

Mwomenyako urukino rwo kwugurura izo nkino ruzohuza igihugu ca kiriye ayo mahigwana, igihugu c’uburusiya kikazotana mu mitwa na Arabie Saoudite urukino rukazoba itariki 14 Ruheshi 2018 igihe c’isaha 17h00.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: