Magara Star Football Club yoba itakigiye gusubira kuboneka mu cicaro ca kabiri?

Bivanye nuko uwo mugwi ubu utacakirira inkino ku kibuga cawo ca Zone Magara kubra FFB yacanse kumvo zijanye nuko cabonetse ko kidakwije ibisabwa n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi, FFB, uwo mugwi rero ukaba umaze imyaka ibiri ukinira ku bibuga bitari ivyawo.

Umugwi wa Magara star Fc ku kibuga co muri Camp Rukinga mu Rumonge

Umugwi wa Magara Star wo muri zone Magara komine Bugarama mu ntara ya Rumonge usanzwe ukina mu cicaro ca kabiri mw’ihiganwa rya Ligue B ryo mu Burundi woba utakigiye gusubira kuboneka mu mahiganwa yo mucicaro ca kabiri bivanye n’ibibazo bitandukanye bihanze uyo mugwi.

Bivanye nuko uwo mugwi ubu utacakirira inkino ku kibuga cawo ca Zone Magara kubera FFB yacanse kumvo zijanye nuko cabonetse ko kidakwije ibisabwa n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, FFB, uwo mugwi rero ukaba umaze imyaka ibiri ukinira ku bibuga bitari ivyawo.

Muri rino higanwa riheze, uwo mugwi warusanzwe ugirira imyimenyerezo ku kibuga ca ETS Kamenge mu Gisagara ca Bujumbura, hanyuma ugaca uduga kwakirira inkino zo muhira mu Gisagara ca Rumonge. Mwomenya ko Magara iri hagati y’ibisagara vya Rumonge na Bujumbura kandi aho hose uburyo bwaca bwiyongera kugira umugwi ushobora gutunga abakinyi bari mu Nkambi y’umugwi yari muri Zone Kinama mu Gisagara ca Bujumbura.

Uyu mugwi wa Magara Star uhejeje ihiganwa uri muma deni amafaranga kuba President b’abakinyi bakoresheje mu gutegura inkino zo mu cicaro ca kabiri aho uyo mugwi warangije ihiganwa uri mu kibanza ca 6 naho bitari vyaworoheye kubera ibibazo bitandukanye. Umugwi wari witeze kuriha ayo madeni mumahera y’igice ca kabiri angana na 2.500.000 BIF yari yitezwe nkinfashanyo iva muri FFB ariko gushika n’aya masaha ayo mahera akaba ataraboneka kumva atamugwi numwe wo muri 2eme Division wigeze umenya.

Uwo mugwi rero, wihweje ibibazo urimwo ry’ubuhinga nivy’ubutunzi, ubu wahisemwo kugurisha ikibanza cawo co mu cicaro ca kabiri kugira ubanze witegure neza muri Academy yawo na rirya abakinyi benshi uwo mugwi wakoresha bari abo ukota muyindi migwi. Ivyo vyose bigatuma umugwi utorohegwa na gato mu gihe ukinira mu gahinga, ukaba mu gahinga, ukongera ugakoresha uburyo bwinshi mu gutunga abakinyi uba wimuye kubera udashobora gukinira muhira.

« Ubu tugiye gushira inguvu nyinshi mw’ishure ryacu ry’umupira w’amaguru, ari nayo « Star Football Academy » risanzwe rihurikiyemwo imigwi 8 iri mu ntara 3 z’igihugu c’Uburundi, kugira dutegure neza kugaruka mumahiganwa ya Primus Ligue dufise imikangara yacu twirereye« , ivyo bikaba vyavuze na John-Clinton Nsengiyumva asanzwe ariwe ayoboye umugwi Magara Star FC na Fondation Nsengiyumva Global Development, ari nayo igaba « Star Football Academy ».

Uwurongoye umugwi wa Magara Star yabandanije amenyesha ko inguvu zabo ahanini zigiye gushirwa muriryo shure ry’umupira rya Star Football Academy aho mu mwaka uza imigwi ihurikiye muriryo shure izokina inkino za bakiri bato (Cadet) ndetse nizo mu cicaro ca 3 ico dukunze kwita (Championnat Local) kandi ko bafise intumbero yo kuzokwubakira ikibuga iryo shure haba ku Magara canke mu Rutumo mugihe ubutunzi buzoba bwifashe neza muriryo shuri.

Ikibanza c’umugwi wa Magara Star ubu tuvugana kiri mw’isoko, kiriko kiragurishwa, ariko NSENGIYUMVA amenyesha kandi ko mugihe ico kibanza kitoronka umugwi wo kigura ngo bazoca bacegurira uwundi mugwi usanzwe uhurikiye muri Star Football Academy usanzwe uri muri Komine Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba narirya ngo bose ni bamwe. Uwo mugwi wundi ukaba witwa Nyanza-Lac Star Football Club.

Uwurongoye umugwi wa Magara Star yamenyesheje kandi ko atanzitizi zizotuma bima uruhusha bwo kuja kuronderera ahandi abakinyi bari basanzwe bari muri Magara Star yabakuze ariko bizokorwe  muburyo bwemewe n’amategeko. yibukije kandi ko Abakinyi bose bari bafise Licences z’Abawigeze FC, Nyanza Lac United FC na Magara star FC ko bose babandanya begukira umugwi wa Magara Star Football Club.

John-Clinton NSENGIYUMVA yarangije ashimira abakunzi b’umugwi wa Magara Star ukungene bawushigikiye mu cicaro cambere no mu cicaro ca kabiri akabasaba kubandanya bashigikira abana bakiri bato bari muri Magara Star FC yaba Cadets co kimwe nimigwi yingi ihurikiye muri Star Football Academy, nayo ikaba ari Kanyosha Star FC, Gitaza Star FC, Rutunga Star FC, Magara Star FC, Rutumo Star FC, Minago Star FC, hamwe n’imigwi mishasha y’iryo shure nyene ari nayo: Kagongo Star FC na Nyanza-Lac Star FC.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.