Olympic Star : Siméon BARAYANDEMA amaze gusaba abarongoye intara ya Muyinga kwiyumvira mu kurondera uwoza kumusubirira mu buyobozi bw’uwo mugwi.

Siméon BARAYANDEMA arongoye umugwi wa Olympic Star wo mu ntara ya Muyinga yandikiye ikete buramatari wiyo ntara amusaba kwiyumvira uwoza kumusubirira mu mabanga yo kurongora uyo mugwi

Siméon BARAYANDEMA arongoye umugwi wa Olympic Star wo mu ntara ya Muyinga yandikiye ikete buramatari wiyo ntara amusaba kwiyumvira uwoza kumusubirira mu mabanga yo kurongora uyo mugwi bivanye nuko atakirangurira ibikorwa vyiwe vya misi yose muriyo ntara ya Muyinga.

Mu majambo dusanga muriryo kete yandikiye buramatari w’intara ya Muyinga, ya menyesheje ko mu mpera zuno mwaka w’inkino azohagarika amabanga yiwe yahawe yo kurongora uyo mugwi, Avugako aravye urugero rwiza umugwi ugezeko kuruno musi, aravye ikiganiro yagiranye n’umuhanuzi wa buramatari ajejwe ubutunzi hamwe n’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu ntara ya Muyinga, aravye kandi umwimbu mwiza Olympic star igezeko ahanini muriyo myaka ibiri y’inyuma n’ukungene bitangiye umugwi kugira ngo ubandanye utera iteka intara ya Muyinga. Ati rero kurivyo vyose yatanguje ngaho hejuru nuko ashaka kumenyesha ko  mu mpera z’uno mwaka w’inkino aho urangirana n’igikombe c’umukuru w’igihugu Olympic star ikirimwo azoca ahagarika amabanga yiwe yo kurongora uyo mugwi. Aho yaciye asaba abarongoye intara ya muyinga gutangura kwiyumvira uwoza ku musubiriza.

BARAYANDEMA muriryo kete yandikiye buramatari yamenyesheje kandi ko atazoba ari kure yuwo mugwi ku ntererano yose izokenerwa ngo afashe mugihe uwo musubirira yobona ko bikwiriye ko amufasha.

Siméon BARAYANDEMA mukiringo c’imyaka 2 yarongye uno mugwi  yarawufashije gutahukana igikombe citiriwe umukuru w’igihugu aho wari umaze imyaka 20 udatwara igikombe na kimwe ndetse awufasha no gutahukana igikombe c’imigwi yatwaye ibikombe mu Burundi ico twita Super Cup batsinze LLBS4A.  Mwomenya kandi ko Olympic star ikiri mu mahiganwa y’igikombe citiririwe umukuru w’igihugu aho ugeze mu gice ca 2 gishira icanyuma ukzotana mu mitwe n’umugwi wa Delta Star.

Siméon Barayandema akaba amaze ku menyesha ko atazobandanya n’amabanga yiwe yo kuyobora uyo mugwi amabanga azoherana n’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu gisanzwe gifiswe nuwo mugwi nyene. Akabazo benshi bibaza ninde agiye ku musubirira? Ni mu makuru yacu yo hanyuma.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: