Musongati FC: Vivier BAHATI woba ari umwaka wiwe wanyuma muri Musongati Fc y’igitega?
mugihe ibihuha ari vyinshi cane bimujana mu mugwi wa Aigle Noir The Fighters.
Guhera iburyo Team Manager wa Somalie, Vivier BAHATI na Ally NDIKUMANA
Mugihe abamenyereza benshi iyo umwaka w’inkino urangiye baba bipfuzwa n’imigwi itandukanye canke amasezerano yabo niyo migwi baba bamenyereza aba yarangiye, bamwe bama bipfuza kungururiza ahandi canke kuguma mu migwi yabo iyo bahawe ayandi masezerano mashasha niyo migwi baba bamenyereza, ivyo biruko nyene k’umumenyereza wa Musongati Fc Vivier BAHATI aho amasezerano yiwe yo kumenyereza uyo mugwi arangirana nuyu mwaka nyene w’inkino.
Ibibazo nivyinshi vyibazwa n’abakunzi buyo mugwi eka mbere n’abamenyesha makuru b’inkino mu Burundi kubijanye n’akazoza kuyo mu menyereza amasezerano yiwe arangiranye nuno mwaka muruyo mugwi wa Musongati, ni mugihe ibihuha ari vyinshi cane bimujana mu mugwi wa Aigle Noir The Fighters. Mbe Vivier BAHATI wewe abivuga kwiki ivyo vyose bimuvurwako?Twaregereye umumemenyereza Vivier BAHATI turamubaza kubijanye nivyo vyose bimugwako, aho yagiye yishura kubibazo bitandukanye, ikibazo ca mbere twamubajije, mbe mu mwaka uza uzobandanya umenyereza Musongati Fc y’igitega? Vivier BAHATI yishura uku: “Kuguma mu mugwi biraryoshe ariko bizovana n’abarongoye umugwi ivyo bipfuza kuko barashobora kw’ipfuza ko bahindura ariko kuri jewe bikunze ko nguma mu mugwi vyoryohera ariko abarongoye umugwi bashimye ko bahindura ntakibazo” iyo niyo nyishu yatanzwe nuwo mumenyereza yahoze amenyereza kera umugwi wa Aigle noir. Kukibazo cuko ashobora kuzoja kumenyereza umugwi wa Aigle noir mu mwaka uza we yishuye uku: “Kurivyo ntantakimwe mfise mumutwe ntantakimwe nzi nkuko ubivuze ko ari ibihuha ntaco nzi nanje murivyo” nubwo Vivier Bahati ahakana ayo makuru ko atanakimwe azi ariko bamwe mu bantu biwe bohafi ndetse na bamwe mu mubagize staff y’umugwi wa Aigle noir baremeza aya makuru ko hariho umugambi wo kuzana uyo mu menyereza muruyo mugwi.
Akabazo twibaza mbe Joslin BIPFUBUSA asanzwe amenyereza uno mugwi wa Aigle Noir The Fighters we akazoza kiwe nakahe mugihe umugwi asanzwe amenyereza uriko urarondera uwundi mu menyereza? Ni mu makuru yacu yo hanyuma.
0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!
Ivyiyumviro!
Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.