Primus Ligue: Urutonde rw’abakinyi 11 baranze ihiganwa ry’umwaka 2017-2018 hamwe n’ubushimwe bagiye bararonka.

mu nyubakwo z’ihoteri Zion  Beach mu birori vyiswe Soirée de Gala, niho habereye ibirori vyo guha ubushimwe abakinyi bingejeje neza gusumba abandi muri Primus Ligue ry’umwaka 2017-2018,

                       Urutonde rw’abakinyi 11 baranze Primus Ligue barikumwe na Djuma Mossi

 

Kuruyu wa gatanu ku mugoroba mu nyubakwo z’ihoteri Zion  Beach mu birori vyiswe Soirée de Gala, niho habereye ibirori vyo guha ubushimwe abakinyi bingejeje neza gusumba abandi muri Primus Ligue ry’umwaka 2017-2018, abashimiwe n’abakinyi 11 bigejeje neza gusumba abandi ico twita Equipe type. Umukinyi wa kera wa Vital’o Fc hamwe n’umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba, Djuma Mossi niwe yahawe iteka ryoguha ako gashimwe abo bakinyi bari batowe ngo bahambwe ako gashimwe, abo nabo akaba ari banokurikira batowe bivanye nikibanza basanzwe bakinamwo.

Mw’igori: Jonathan NAHIMANA (Vital’o FC)

Abakinyi binyuma: NDAYE Chancel (LLB-S4A) iburyo, BIGIRIMANA Ramadhan (Aigle Noir) ibubamfu, NDIZEYE Samuel (Vital’o Fc) hagati, NDORIYOBIJA Eric (LLB-S4A) hagati.

Abakinyi bakina hagati mu kibuga: MURYANGO Mabano (Aigle Noir) URASENGA Cedrick Danny Kagabo (Messager Ngozi FC).

 Abakinyi bohagati ariko kuruhande: NDIZEYE Thomson Seif (LLB-S4A), Iddy Museremu (Messager Ngozi FC).

Abasatirizi: Slim Saidi (Olympic Star) na SHAKA Bienvenue (Aigle Noir)

Umumenyereza wabo akaba ari Jean Jacque Eydelie wa Messager Ngozi ku mukenyuro wa 4-4-2.

Abo bakinyi rero umwumwe wese akaba yahawe agashimwe kagakombe gato.

Ni mugihe umukinyi yatsindiye agashimwe k’ukinyi yaranze rino higanwa rya Primus Ligue ari URASENGA Cedrik Danny Kagabo wa Messager Ngozi FC yaciye ahabwa igikombe hamwe n’umuriyoni wa mafaranga ya marundi (1.000.000 FBU), SHAKA Bienvenue wa Aigle Noir ahabwa agashimwe kuwatsinze ibitsindo vyinshi kuruta abandi aronswa umuriyoni nawenyene (1.000.000 FBU), HAKIZIMANA Hamim wa Inter Star ahabwa agashimwe ku mukinyi yaranze ihiganwa akiri muto aronswa ibihumbi amajana atanu (500.000 FBU) hama Jean Jacque Eydelie wa Messager Ngozi atorwa nk’umumenyereza yasumbije abandi ahabwa umuriyoni wa mafaranga ya marundi  (1.000.000 FBU).

 

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: