FFB: Réverien NDIKURIYO hambavu ya Aigle Noir hariho uwundi mugwi wahano iwacu akunda cane kandi sibinyegezwa.

Jewe ko nari umufana wa Vital’o erega jewe nari umu Vital’o mu misi iheze sikubera ko ndi Aigle Noir

Iburyo ni Réverien NDIKURIYO hamwe n’uwurongoye Messager Ngozi Pochen

Mugihe benshi bama bibaza ko ata wundi mugwi umuntu ashobora gukunda mugihe yoba ayoboye umugwi kanaka canke urwego kanaka ariko siko bimeze kuri Réverien Ndikuriyo arongoye ishiramwe ry’umupira wa maguru mu Burundi FFB, mugihe benshi bazi ko akunda Aigle Noir The Fighters, kuri siwo mugwi wonyene akunda gusa hariho n’uwundi mugwi yikundira atari Aigle Noir wa hano iwacu akunda.

Jewe ko nari umufana wa Vital’o erega jewe nari umu Vital’o mu misi iheze sikubera ko ndi Aigle Noir no je nari Vital’o ivyo si ibintu vyo kunyegeza kandi nubu ntikarahera havuye Aigle Noir ncamba Vital’o sinanka abandi ariko ni mambo ya zamani (ibintu vya kera)

Ivyo navyo akaba yarabishikirije mw’ijambo ryiwe hari kuruyu wa gatanu muri Zion Beach mugihe hariko haratangwa ubushimwe ku bakinyi n’abamenyereza bigenjeje neza gusumba abandi muri Primus Ligue Burundi ico bise Soirée de Gala.

FFB: Réverien NDIKURIYO ati kera agakina umupira ntiyiyita Neymar canke Messi none yiyita gute?

Urashobora kw’umviriza kandi Interview ya Réverien NDIKURIYO avyivugara ko akunda Vital’o FC

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: