Delta Star ivyo basezeranye ko bipfuza kwurira indege babanje gukorera ibitangaza Olympic Star vyahabuye biba ukuri.

Delta star wanyagiye imvura y’ibitsindo 4-0  kuruyu w’imana umugwi wa Olympic star ku kibuga Urukundo mu ntara ya Ngozi mu rukino rw’igice ca kabiri gishira icanyuma mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu.

 Umugwi wa Delta star ku kibuga urukundo ifoto ya Wilson KWIZERA

Umugwi wa Delta star wanyagiye imvura y’ibitsindo 4-0  kuruyu w’imana umugwi wa Olympic star ku kibuga Urukundo mu ntara ya Ngozi mu rukino rw’igice ca kabiri gishira icanyuma mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu.

Ibitsindo vya Jospin NSHIMIRIMANA, Valentin NSABIMANA hamwe n’ibindi bitsindo 2 vya Dusabe Olivier gutyo Olympic star irasezerewe mugihe aribo bari bafise kino gikombe citiriwe umukuru.

Imbere yuko urwo rukino rutari bwakinwe kuruyu wa gatanu Umumenyereraza wa Delta Star, Amouri MANIRAKIZA yari yagabishije Olympic Star ko itoza yijajaye kandi ayisezerana ko mukuja murukino rwanyuma rwa finale ategerezwa kubagirira ibitangaza none vyabaye ukuri.

Soma kandi: Delta Star ishaka kuzokwurira indege ibanje gutangaza Olympic star mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu.

Delta Star ihambije umugwi wa Vital’o FC mu rukino rwanyuma rwa finale ya kino gikombe citiriwe umukuru w’igihugu ni mugihe Vital’o FC kuruyu wa gatandatu ku kibuga Umuco wari watsinze BS Dynamik ibitsindo 2-1.

Delta Star rero ibaye incuro yabo yambere igeze mu rukino rwanyuma rwa kino gikombe kandi niwo mugwi wa mbere ukorotse icicro ugeze muri finale y’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu, mugihe Vital’o FC ari kuncuro yabo igira ga 3 bageze muri finale ya kino gikombe. Urukino rwanyuma rero rutegekanijwe itariki 23 Ruheshi 2018 ku kibuga Ingoma mu ntara ya Gitega.

Mwomenyako umugwi uzotwara ico gikombe uzoca userukira uburundi muri ca gikombe ca coupe de la conféderation.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: