Ikibazo Gitanga Uburenganzira Bwo Kwinjira Mu Gice Ca Kabiri c’Ishure Nshingiro Kizoduganwa Hagati Mu Gihugu Kuri Uyu w’Imana.

ubushikiranganji bw’indero, inyigisho z’ubuhinga n’imyuga busavye abarongoye indero mu ntara, mu ma komine no mu mashure na cane cane abajejwe gukoresha ivyo bibazo ko bokwubahiriza amategeko agenga amashure kandi bakongera bagahana bimwe vyakarorero umunyeshure yoyatirimukako.

Kwubahiza amategeko agenga ishure hamwe no guhana umunyeshure azoyarengako nivyo bisabwa ku bajejwe gukoresha ikibazo gitanga uburenganzira bwo kwinjira mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro. Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero kuri uyu wa gatandatu mu kiganiro ku abamenyesha makuru.

JUMA Edouard akavuga ko ico kibazo kizoduganwa hagati mu gihugu kuri uyu w’Imana aho bitegekanijwe ko kizotangura kw’igenekerezo rya 5 kuno kwezi.

JUMA Edouard amenyesha yuko ubushikiranganji bw’indero, inyigisho z’ubuhinga n’imyuga bwihweje inyifato itabereye y’abanyeshuri bamwe bamwe mu bihe vyo gukora ikibazo ca leta gitanga uburenganzira bwo kwinjira mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro hamwe n’igitanga uburenganzira bwo kwinjira muri kaminuzza busavye abarongoye indero mu ntara, mu ma komine no mu mashure na cane cane abajejwe gukoresha ivyo bibazo ko bokwubahiriza amategeko agenga amashure kandi bakongera bagahana bimwe vy’akarorero umunyeshure yoyatirimukako.

JUMA Edouard  akamenyesha kandi yuko ubushikiranganji buboneyeho akaryo ko kwibutsa ko ingingo za 8,11, na 12 z’itegeko rigenga amashuri zisaba abanyeshure baje gukora ikibazo kwigenza neza, kwitonda, gutonda kugihe, kwambara umwambaro ubaranga kandi bakikwiza bakongera bakirinda inyambaro itabereye.

JUMA Edouard yarangije asaba abanyeshure kwirinda ingeso igayitse yo kwiba ibibazo mu buryo ubwari bwose. Ku bavyeyi nabo basabwe gukurikirana neza inyifato y’abana babo kugira ngo ntibazohave bafatirwa ingingo zishobora kugira ingaruka mbi ku kazoza kabo.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: