Coupe du monde 2018: Menya amwe mumateka ashobora guhanagurwa mu gikombe c’isi yose cimirije 2018 mu gihugu c’uburusiya.

Just Fontaine umukinyi wa kera w’igihugu c’ubufaransa niwe mukinyi wenyene yinjije ibitsindo vyinshi mu gikombe c’isi yose mu mwaka umwe ibitsindo 13 hari 1958 amatega gushika nubu biboneka ko bitoroshe kuzoyahanagura.

 

    Just Fontaine umusatirizi wa kera w’ubufaransa igihe yinjije ibitsindo 13 mu gikombe c’isi 1958.

Mugihe igikombe c’isi yose cimirije kwigenekerezo rya 14 Ruheshi 2018 naco kikazobera mu gihugu c’uburusiya, hariho amwe mumateka yagiye arandikishwa nabamwe mu bakinyi canke ibihugu bitandukanye kuburyo uno mwaka 2018 mu gikombe c’isi yose ashobora guhanagurwa canke ntahanagugwe bivanye n’uburemere bwayo mateka ibihugu canke abo bakinyi baba barandikishije.

Amwe murayo mateka akaba araya akurikira:

Brézil nico gihugu co nyene kimaze gutahukana ibikombe vy’isi yose incuro 5 (1958, 1962, 1970, 1994, 2002) aya mateka ntashobora guhanagurwa uno mwaka kiretse ko ashobora gushikwako n’igihugu c’ubudagi mugihe co tahukana kino gikombe kuko bobo bamaze kugitahukana incuro 4 (1954, 1974, 1990, 2014).

Norman Whiteside niwe mukinyi yakinye igikombe c’isi yose afise imyaka mikeyi cane gusumba abandi, imyaka 17 n’imisi 42 yakinira Irlande du Nord.

Essam El-Hadary umunyegori w’igihugu ca Misiri arashobora kuba umukinyi wa mbere akinye igikombe c’isi yose afise imyaka myishi 45 niyaramuka akinye urukino rumwe gusa azoca arusha umunyakolomboya  Farid Mondragon yakinye kino gikombe afise imyaka 43.

Pelé umukinyi wa kera w’igihugu ca Brézil niwe mukinyi wenyene amaze gutwara ibikombe vy’isi yose incuro 3 arikumwe n’igihugu ciwe (1958, 1962, 1970) amateka atoshoboka ko ahanagurwa n’umukinyi uwariwe wese muruno mwaka 2018.

Just Fontaine umukinyi wa kera w’igihugu c’ubufaransa niwe mukinyi wenyene yinjije ibitsindo vyinshi mu gikombe c’isi yose mu mwaka umwe ibitsindo 13 hari 1958 amatega gushika nubu biboneka ko bitoroshe kuzoyahanagura.

Miroslav Klose umusatirizi wa kera w’igihugu c’ubudagi niwe amaze kwinjiza ibitsindo vyinshi mu bikombe vyisi yose yagiye arakina ibitsindo 16 akurikirwa na Ronaldo umunya Brézil yinjije ibitsindo 15 umukinyi umwe gusa biboneka ko afise amahirwa yo guhanagura ano mateka nahonyene mugihe yobandanya atsinda ni Thomas Muller umusatirizi w’ubudagi afise ibitsindo 10.

Paolo Maldini umukinyi wa kera w’igihugu ca Italie amaze gukina iminota ishika kuri 2.220 mu bikombe vyisi yose bi biri yakinye muri 1990 hamwe no muri 2002.

Hakan Sukur umunya turikiya niwe mukinyi afise amateka yo kwinjiza igitsindo hakiri kare gose mu masegonda 10, 8 hari mu gikombe c’isi yose co muri 2002 igihugu ciwe catana mu mitwe na Corée du Sud.

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: