CECAFA – KAGAME CUP 2018: LLBS4A yisanze mw’itsinda rimwe na Rayon Sport yo mu Rwanda.

Lydia Ludic Sport 4Africa murayo mahiganwa wisanze uri mw’itsinda rimwe rya B n’umugwi wa Rayon Sport wo mugihugu c’urwanda uherutse kubasezerera mu mahiganwa y’afurika CAF y’imigwi yatwaye amahiganwa yo mubihugu iwabo (CAF Champions League)

Igikombe ca CECAFA – KAGAME CUP 2018 gihuza imigwi yatahukanye amahiganwa yo mu bihugu iwabo yomukarere k’afurika y’ubuseruko  uno musi niho hagenwe amatsinda 3 agizwe n’imigwi 4 iryo higanwa uno mwaka rikazobera mugihugu ca Tanzania.

Igihugu cacu kikazoserukirwa n’umugwi wa Lydia Ludic Sport 4Africa murayo mahiganwa aho wisanze uri mw’itsinda rimwe rya B n’umugwi wa Rayon Sport wo mugihugu c’urwanda uherutse kubasezerera mu mahiganwa y’afurika CAF y’imigwi yatwaye amahiganwa yo mubihugu iwabo (CAF Champions League) muriryo tsinda nyene dusangamwo kandi umugwi wa Gor Mahia wo muri Kenya hamwe n’umugwi wa Ports wo muri Djibouti.

Iyindi migwi ikomeye kandi isanzwe ihangana yo mugihugu kimwe  yisanze mwitsinda rimwe rya C ni Simba hamwe na Yanga zo mugihugu ca Tanzania.

Amatsinda 3 yose uku niko yagenywe:

Itsinda A.                                          

Azam (Tanzania)

Uganda (Reps)

JKU (Zanzibar)

Kator FC (Sudan Sud)

Itsinda B. 

Rayon Sport (Rwanda)

Lydia Ludic (Burundi)

Gor Mahia (Kenya)

Ports (Djibouti)

Itsinda C. 

Yanga (Tanzania)

Simba (Tanzania)

St George (Ethiopia)

Dakadaha (Somalia)

Mwomenyako iryo higarwa rya Cecafa Kagame Cup ritegekanijwe gutangura itariki 28 Ruheshi 2018 gushika 13 Mukakaro 2018 urukino rwo kwugurura izo nkino ni hagati ya JKU na Uganda reps.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: