Atletico Madrid kuzana Thomas Lemar, FC Barcelona yoba igiye kubura Antoine Griezman?

FC Barcelona  yazanye Filippe Coutihno vyavurwa ko ariwe ashobora guhabwa inimero 7 ariko bashima kumuha inimero 14 ibinyamakuru bitandukanye vyo mugihugu ca Espagne bivugako inimero 7 ibikiwe Antoine Griezman


                                                                  Thomas Lemar  muri AS Monaco

Umugwi wa FC Barcelone kuva mu mwaka uheze wanye urondera umusatirizi w’umufaransa wa Atletico Madrid, Antoine Griezman. Mugihe FC Barcelona  yazanye Filippe Coutihno vyavurwa ko ariwe ashobora guhabwa inimero 7 ariko bashima kumuha inimero 14 ibinyamakuru bitandukanye vyo mugihugu ca Espagne bivugako inimero 7 ibikiwe Antoine Griezman ndetse no mubiganiro bitandukanye uwurongoye umugwi wa FC Barcelona Jose Maria Bartomeu yagiye abigaragaza ko FC Barcelona yipfuza abakinyi batandukanye bakomeye ariko yavuze ko azogira ico ashikiriza kubijanye nuwo mukinyi mu kwezi 7.

FC Barcelona yoba igiye kubura uyo  mukinyi wa Atletico Madrid, Antoine Griezman ? Mu misi iheze Antoine Griezman yabwiye abayobozi b’umugwi wiwe nimba bipfuza ko aguma muruyo mugwi yabasavye ikintu kimwe gusa nuko Atletico Madrid wozana abakinyi ba 2 gusa nawe abone kuguma muruyo mugwi kuzana Djibril Sidibe (AS Monaco) na Thomas Lemar (AS Monaco) noneho igice civyo Griezman yabasavye Atletico Madrid imaze kubikora mukuzana Thomas Lemar 22 hasigaye ko izana Djibril Sidibe kugira ngo Griezman agume muruyo mugwi.

                            Antoine Griezman na Thomas Lemar mu mugwi nserukira gihugu w’ubufaransa

Mwomenyako igiciro kiri mu masezerano ya Antoine Griezman n’Atletico Madrid ari imiriyoni 100 z’amafranga ya manyaburaya ama (Euro).

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: