Uwahoze amenyereza TP Mazembe yahawe amabanga yo kumenyereza umugwi wa Al Ahly yo muri Misiri.

Patrice Carteron yahawe amabanga yo kumenyereza umugwi ukomeye cane wo mugihugu ca Misiri ndetse ufise amateka akomeye murico gihugu Al Ahly

 

Nkuko vyari bimaze imisi bivugwa none ubu ntibikiri mu ntamatama  Patrice Carteron yahawe amabanga yo kumenyereza umugwi ukomeye cane wo mugihugu ca Misiri ndetse ufise amateka akomeye murico gihugu Al Ahly. Uyu mugabo w’umufaransa yahora amenyereza umugwi wo mucicaro ca kabiri mu gihugu ca Canada, Phoenix Rising, mwihiganwa rya  Union Soccer League yaciye ashima guhagarika amasezerano yiwe nuyo mugwi wo muri Canada aza gusinya imyaka 2 muri Al Ahly.

Patrice Carteron amaze guca mu migwi myinshi ikomeye kuruno mugabane wa Afrika nka TP Mazembe na Wadi Degla  yo muri Misiri hari muri 2016. Uyu mumenyereza wa kera wa Mali afise igikorwa co kuduza igihagararo ca  Al Ahly mu gikombe ca Champions League yo muri Afrika aho uri mu bihe bitoroshe, akaba aje gusubirira Hossam El Badry yatanze imihoho muri Rusama.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: