Cristiano Ronaldo na Sergio Ramos murutonde rw’abakinyi bazagutangura mukibuga.

Cristiano Ronaldo agiye guhura na Sergio Ramos basanzwe bakina muri Real Madrid ariko uno musi baza kurabana ayingwe.

Inkino z’igikombe c’isi yose zirabandanya uno musi inyuma yo gutandura kuruyu wa kane itariki 14, mw’itsinda rya B naryo nyene riraza kwinjira mundwi yaryo ya mbere aho Portugal izagutana mu mitwe na Espagne igihe c’isaha 20h00, Kuruhande rwa Portugal iza kuba yinjira mukibuga ifise kizigenza wayo Cristiano Ronaldo mugihe kuruhande rwa Espagne nayo nyene iza gukoroka mukibuga ifise Sergio Ramos kizigenza wa La Roja. Umumenyereza w’igihugu ca Portugal, Fernando Santos biboneka ko ashobora gukenyura umukenyuro wa 4-4-2 aho kuruhande rw’ubusatirizi umusore Guedes ashobora gufadikanya na Cristiano Ronaldo, mugihe kuruhande rwa Espagne nayo irikumwe na Fernando Hierro yasubiriye Julen Lopetegui biboneka ko ataco yohindura mu mukenyuro Espagne isanzwe ikina wa 4-3-3, aho Nacho Fernandez ashobora gutangura kuruhande rw’iburyo inyuma mugihe Dani Carvajal atarakira neza.

Portugal : Patricio – Cedric, Pepe, Fonte, Guerreiro – B. Silva, Moutinho, Carvalho, J. Mario – Guedes, Ronaldo (c).

Espagne : De Gea – Nacho, Piqué, Ramos (c), Alba – Koke, Busquets, Iniesta – D. Silva, Costa, Isco.

 

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: