FC Barcelona yipfuza umukinyi wo hagati wa Manchester City kuza gusubirira Andrés Iniesta.

Ilkay Gundogan aripfuzwa na FC Barcelona kuza gusubirira Andres Iniesta.

 

Mugihe Andrés Iniesta yamaze gutandukanya na FC Barcelona ashima kwigira mu buyapani mu mugwi Visel Kobe. FC Barcelona iriko iripfuza umukinyi wo hagati wa Manchester City Ilkay Gundogan 27 inkino 48 zose yakinye muruno mwaka, atsinda 6. Nkuko tubikesha ikinyamakuru The Sun.

Ilkay Gundogan umudagi, umukinyi wa kera wa Dortmund, asanzwe atanguzwa akatari gake mukibuga na Pep Guardiola muri Manchester City niwe mukinyi FC Barcelona yashize kumurongo wa mbere w’abakinyi bipfuzwa nuyo mugwi. The Sun ibandanya imenyesha ko Manchester City nayo nyene muguhagarika imigambi ya FC Barcelona nuko bashaka kwongereza amasezerano uyo mukinyi gushika 2020 kugira ngo igiciro ciwe kiduge kije ku miriyoni 55 za manyaburaya gutyo birashobora gutuma FC Barcelona ireka kumurondera.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: