Amars Niyongabo, ari kw’isoko ariko atari k’umugwi uwariwo wose.

Muri kano kanya Amars ngo ari kw'isoko ariko nuko atoshobora kwemera kuja mu mugwi uwariwo wese. 

Amars Akbar Niyongabo umwe mu bamenyereza ba barundi basanzwe bamenyereza akenshi imigwi yo mukarere, mu misi y’inyuma ya menyereza umugwi wa Stand United mu gihugu ca Tanzania ariko amasezerano yiwe nuyo mugwi akaba amaze kurangirana nuno mwaka, aho yasinye umwaka umwe gusa.  Muri kano kanya Amars ngo ari kw’isoko ariko nuko atoshobora kwemera kuja mu mugwi uwariwo wese.

Ifoto y’ikinyamakuru Akeza net

Amars Niyongabo ati:  «Muri Tanzania nasinye amasezerano y’umwaka umwe gusa, ariko nibashaka ko twongereza amasezerano tuzobivugana ariko nibazoko dushobora kuja nahandi kubera ko imiryango yuguruye. Imigwi ni myinshi cane imaze kundondera ariko umuntu uraraba naho uja, ivyo uzokorayo n’ico uzokurayo hamwe nico uzokurayo wewe».  ivyo akaba yarabishikirije kuruyu wa gatandatu aho yaraje kuraba urukino rwa kivandimwe rwariko ruhuza umugwi w’intamba mu rugamba za bakuze n’izabatarenza imyaka 20.

Umviriza Interview yaduhaye tumubaza ibibazo bindukanye.

Tubibutse ko Amars Niyongabo amaze guca mu migwi iandukanye hano iwacu nka, Prince Louis, Inter Stars, LLBS4A, Athletico Olympique, Buja City, mugihe mukarere amaze ku menyereza imigwi nka Gor mahia muri Kenya, ASAS Djibouti Telecom muri Djibouti, aca kandi mu mugwi nserukira gihugu wa Harambe Stars wa Kenya aho yamenyereje nk’icegera muruyo mugwi.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: