Bradon Chebby afise vyinshi yavukanye kandi ko afise akazoza gakomeye.

Bradon Chebby ngo afise vyinshi yavukanye kandi ko afise akazoza ga komeye cane nkuko bivugwa n’umumenyereza wiwe mu mugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20, Joslin Bipfubusa, yavuze kandi ko abakinyi bagenziwe bamwakiriye neza mu mugwi w’in

Umukinyi w’umurundi asanzwe akinira mu gigugu c’ubwongereza muri Eastleigh FC, Bradon Chebby ngo afise vyinshi yavukanye kandi ko afise akazoza ga komeye cane nkuko bivugwa n’umumenyereza wiwe mu mugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20, Joslin Bipfubusa, yavuze kandi ko abakinyi bagenziwe bamwakiriye neza mu mugwi w’intamba U-20.

Joslin Bipfubusa ati « N’umwana akiri muto kandi afise akazoza, kuko urabona ko afise ibintu vyinshi yavukanye, arafise inguvu, ubunyarutsi n’ubuhinga, igisigaye nuko akorera kurugero rw’abandi bakinyi, urabona ko dufise abakinyi bamenyereye amahiganwa yo mucicaro ca mbere ariko we ryoba ari ihiganwa ryiwe rya mbere aje gukinamwo kandi agakina n’abantu bamenyereye amahiganwa birashobora kuba vyamugoye gato ariko aronse umwanya ukwiye tukamutegura arashobora kuba umukinyi mwiza wo muri kazoza. Bamwakiriye neza (Bradon) kuko abakinyi nubwo baba badasangiye ururimi ariko baragerageza kwumvikana, twamwakiriye neza nawene ariyumwa ko ari mu bandi ». Ivyo akaba yarabishikirije kuruyu wa gatandatu inyuma y’urukino rwa bahijije n’intamba za bakuze.    Interview ya Joslin Bipfubusa kuri Brandon Chebby umviriza aha musi

Mwomenyako Bradon Chebby ari kuncuro yiwe ya mbere aje gukirira umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20.

 

 

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: