Intamba mu rugamba U-20 s’umugwi ushobora kujugumira imbere ya Zambia.

ntavyubwoba burimwo kuko twarashoboye gukuramwo Ethiopia na Soudan, uburundi rero s’umugwi mutoyi ushobora kujugumira imbere ya Zambiya

Umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20, S’umugwi ushobora kujugumira imbere ya Zambia kandi ngo ntabwoba ziterwa n’igihugu ca Zambiya za batarenza imyaka 20 mu rukino rwimirije kubahuza nico gihugu mu ntumbero yo kurondera itike za CAN 2019 zizobera mu gihugu ca Niger.

Ivyo bishikirizwa na Joslin Bipfubusa asanzwe amenyereza intamba mu rugamba U-20 yabishikirije kuruyu wa gatandatu ku kibuga co mukigo kijejwe ubuhinga (CTN) inyuma yo gutsindwa n’intamba mu rugamba za bakuze 2-0 aho yagize ati:

«Oya abahungu banje ntabwoba bafise ndavye ukuntu bakinye uno munsi, kandi maze kuronka amakuru menshi ya Zambiya ukuntu bakina, kuko ndafise inkino zabo zi 2 bakinye n’igigugu c’urwanda, vyarampaye icigwa ukuntu nshobora gukina nabo. Guhamaga Ntigwaza Sudi canke Brandon Chebby sivyo vyerekana ko dufise ubwoba kuko n’abana ibibaranga vyererekana ko bashobobora gukina muri U-20, umwana wese ari ngaha canke ari hanze abishoboye turamuhamagara, ntavyubwoba burimwo kuko twarashoboye gukuramwo Ethiopia na Soudan, uburundi rero s’umugwi mutoyi ushobora kujugumira imbere ya Zambiya».

Soma kandi: Ici nico Intamba mu rugamba za bakuze zarushije izabatarenza imyaka 20.

Mwomenyako Intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20 zizobandanya zitegurira ico gihugu mu gukina inkino zitarinke za kivandimwe n’intamba mu rugamba z’abakuze.

Umviriza kandi Joslin Bipfubusa kuri Interview twagiranye aha musi

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: