Nduwarugira Christophe Lucio kuguma muri Uniao da madeira yo muri Portugal bizogorana.

kuguma mu muri  Uniao da maderira  bizogorana kuko arahandi yipfuza kwungururiza ariko atari gusubira ku mugambane wa Afrika ahubwo gutera imbere.

Umukinyi w’umurundi asanzwe akina inyuma kuruhande rwo kuzibira mu mugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba, akaba akinira kandi umugwi uniao da madeira uri mucicaro ca kabiri mu gihugu ca Portugal, Nduwarugira Christophe batazira  »Lucio » ngo kuguma mu muri  Uniao da maderira  bizogorana kuko arahandi yipfuza kwungururiza ariko atari gusubira ku mugambane wa Afrika ahubwo gutera imbere.

Nduwarugrira Christophe ati: « Inyishu yuko nzoguma muri Uniao da madeira sino yiguha ubunyene ariko birashoboka ko muwundi mwaka nshobora kurondera uwundi mugwi ariko sinibaza ko nshobora gusubira muri Uniao da madeira. Sinipfuza kugaruka ku mugabane wa afrika kubera ko maze gushika ku mugabane wa buraya, ntushobora kwiyumvira gusubira inyuma ahubwo gutera imbere nico gituma nibaza ko nzoguma ku mugabane wa buraya »  Ivyo vyashikirijwe na Nduwarugira Christophe umukinyi wa kera wa LLB4A.

Interview twagiranye na Lucio urashobora kuyumviriza ngaha aho yagiye ashikiriza ibintu bitandukanye.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: