Ibihuha vy’igura n’igurishwa ry’abakinyi ku mugabane wa buraya vyo kuruyu wa mbere.

Arsenal iripfuza umukinyi wa FC  Séville, Javier Pastore muri Roma, Manchester United yiteguriye guha Chelsea ibifaranga vyinshi ku mukinyi wayo, Chelsea nayo ntibikunda ko ironga myugariro wa Napoli.

Arsenal iripfuza umukinyi wa FC  Séville, Javier Pastore muri Roma, Manchester United yiteguriye guha Chelsea ibifaranga vyinshi ku mukinyi wayo, Chelsea nayo ntibikunda ko ironga myugariro wa Napoli.

 

                                                                               Footmercato

Umugwi wa Arsenal umenyerezwa na Unai Emery uripfuza umukinyi wo hagati wa FC Séville, Steven Nzonzi 29 asanzwe arikumwe n’igihugu ciwe c’ubufaransa mu gikombe c’isi yose uyo mukinyi akaba yipfuzwa cane n’umumenyereza yigeze kumumenyereza kera muri FC Séville, Unai Emery hari muri 2015-2016 (Daily Express).

Javier Pastore 28 umukinyi wa PSG ngo yoba amaze kumvikana na AS Roma ko yomugura aho bivurwa ko ashobora gusinya amasezenano y’imyaka 4 hamwe n’umushahara uri hagati y’imiriyoni 3,5 na 4 ku mwaka. ikinyamakuru Gazzetta dello Sport, kimenyesha ko AS Roma itegekanya gutanga imiriyoni 15 za manyaburaya hamwe n’akaganuke k’imiriyoni 3 kuri PSG kugira ngo yemere kurekura uyo munya Argentine yakiniye kera umugwi wa Palerme. Biravurwa kandi ko na West Ham imwipfuza

Manchester United iriko iritegurira gutanga imiriyoni 60£ k’umukinyi wa Chelsea Willian yipfuzwa cane na José Mourihno. (Dail Mail).

Kalidou Koulibaly myugariro wa Napoli umunyasénegal yipfuzwa na Chelsea ngo ntari kw’isoko nkuko vya menyeshejwe n’uwurongoye umugwi wa Napoli Aurelio De Laurentiis. (Daily Express).

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: