Cyclisme : Ihiganwa ryo gusiganwa ku makinga mu ntara ya Cibitoke ku rwego rw’igihugu.

Komine Buganda, Cibitoke, Rugombo, Nyeshenza, na Mabayi niyo makomine abanonotsi bagendesha amakinga bazo kwirukiramwo.

Ihiganwa ryo kurwego rw’igihugu ryo gusiganwa ku makinga (Cyclisme) rigiye gutangura muruyu mwaka 2018 kuva kw’itariki 29 Ruheshi gushika itariki 1 mukakaro, rikazobera mu ntara ya Cibitoke mu ma komine 5 asanzwe ari muriyo ntara.

Komine Buganda, Cibitoke, Rugombo, Nyeshenza, na Mabayi niyo makomine abanonotsi bagendesha amakinga bazo kwirukiramwo. Imigwi itandukanye n’ibitsina bitandukanye nivyo bizo kwitabira ayo mahiganwa tutibagiye n’abatarenza imyaka 23 hamwe n’abakiri  bato nabonyene bazokwitabira rino higanwa, nkuko vyashikirijwe n’umukuru w’ishirahamwe ry’abiruka ku makinga mu Burundi, Iryumugabo Patrick Arnauld, mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru hari kuruyu wa kabiri.

Kubwa Patrick Arnauld ngo intumbero yariho higanwa n’ukurondera abanonotsi bazoserukira igihugu c’uburundi mu mahiganwa mpuzamakungu yimirije mu misi yimbere.

Ayo mahiganwa akaba ategekanijwe kuraya magenekerezo n’ibibanza bikurikira:

Itariki 29 ruheshi 2018 Hategekanijwe ko ariho amahiganwa atangura icese bakazosiganwa bava mu Cibitoke bagenda  i Buganda-Rugombo bakazogaruka mu Cibitoke aho naho hanaga n’ibirometero 42 Km, aho ni kuruhande rwabakuze, abagabo n’abigeme ndetse nabari munsi y’imyaka 23 bahurikiye mu migwi itandukanye.  Mugihe kuruhande rw’abakiri bato abahungu n’abigeme nabonyene bazosiganwa bari mu migwi bava mu Cibitoke-Rugombo-Cibitoke hangana n’ibirometero 19,2 Km.

Itariki 30 ruheshi kuruhande rw’abakuze, abagabo n’abigeme ndetse na batarenza imyaka 23 bazosiganwa umumwe kugiti ciwe, bitegekanijwe ko basiganwa bava mu Cibitoki-Buganda-Rugombo na Cibitoke hangana n’ibirometero 42 Km. Mugihe kuruhande rw’abakiri bato imisore n’inkumi nabo nyene umumwe wese kugiti ciwe, bazosiganwa bava mu Cibitoke-Rugombo na Cibitoke hangana n’ibirometero 19,5 Km.

Itariki 01 mukakaro 2018 kuruhande rwa bakuze, abagabo n’abigeme ndetse n’abatarenza imyaka 23 bitegekanijwe ko biruka ku mirongo, bava mu Cibitoke-Buganda-Rugombo-Nyeshenza-Mabayi na Cibitoke hangana ibirometero 106 Km. Mugihe kuruhande rw’abakiri bato bazohiganwa nabonyene ku mirongo bava mu Cibitoke-Buganda-Rugombo Nyeshenza na Cibitoke hangana n’ibirometero 66 Km.

Mwomenyako uko umwaka utashe, ubu hazokwama hatungaywa amahiganwa ku rwego mpuzamakungu  mu kwezi kwa Ntwarante ku ruhande rw’abigeme hazoba Tour du Burundi bise Lady First iyi nayo ikazotumirwa abanonotse mpuzamakungu mugihe kuruhande rw’abagabo hateguwe  Tour du Burundi mwihiganwa bise Cœur d’Afrique nahonyene hazotumirwa abanonotsi mpuzamakungu  iryo higanwa ritegekanijwe mu kwezi kwa Nyakanga.

 

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: